Ibikorwa vyo kwiyandikishiriza amatora vyatanguye mu Burundi

Abakarani barindiriye abaza kwiyandikishiriza amatora
Image caption Abakarani barindiriye abaza kwiyandikishiriza amatora

Mu Burundi uyu munsi hatanguye igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora y'ibwirizwa shingiro yo mu kwezi kwa gatanu n'ay'umukuru w'igihugu yo mu 2020

Iki gikorwa co kwandika abazotora bitegekanijwe ko kimara iminsi cumi. Nka hose mu gihugu umunsi wa mbere wo kwiyandikisha waranzwe n'uko ata benshi bitavye ico gikorwa, eka n'abandika henshi bashitse batevye, ahandi ntibaronka ibikoresho.

No mu gisagara ca Bujumbura kwari ukwo, muri zone Nyakabiga kuri Lycee Municipal, inyuma y'amasaha arenga atanu igikorwa gitanguye, abari bamaze kwiyandikisha bari imparugwa.

Image caption Gaston Sindimwo yari mu bambere biyandikishije

Icegera ca mbere c'umukuru w''igihugu Gaston Sindiwmo yabaye mu bambere.

Yagize ati: "Naje kugura itike izodushikana ku rubuga rw'umupira canke ku nkino tugiye gukina mu minsi iza.

"Dusaba abanyepolitike n'Abarundi bose ko bokwitaba akamo kuko urazi ko utaguze itike utinjira." Umugwi ujejwe amatora CENI uhanura abantu kutarindira umunsi wanyuma, ariko bamwe mu baza kwiyandikisha ntibazi ibiri mw'ibwirizwa shingiro bazotora, hari mbere n'abatazi amatora yimirije ayariyo.

Image caption Kwiyandikisha bizomara iminsi cumi

Abana bazoba bakwije imyaka 18 yo gutora mu 2020 nabo basabwa kwiyandikisha ubu kuko ata rindi yandikwa rizobaho.

Kino gikogwa gitanguye mu gihe hakiri ikibazo c'ingene abanyagihugu batanga intererano y'ayo matora, amwe mu mashirahamwe y'abakozi agasaba ubutegetsi gukoresha inama yo kuvyumvikanako.

Ibizohinduka

Bimwe mu bikuru bikuru biri mu nteguro y'ibwirizwa shingiro rishasha, harimwo kwongereza ikiringo c'umukuru w'igihugu kuva ku myaka itanu kikaja kuri ndwi.

Harimwo kandi n'uko umukuru w'igihugu ashobora gutwara ibiringo vyinshi kiretse ibirenga bibiri bikurikirana, hamwe n'ikibanza gishasha c'umushikiranganji wa mbere ariko hagasigara icegera kimwe c'umukuru w'igihugu.