Uwari amaze imyaka 15 yarigize umushingwamanza yatahuwe

Abashingwamanza muri Nigeria

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Bamuketse agerageje gubiramwo ingingo yo mw'ibwirizwa shingiro

Umugabo w'Umunyenigeria yigize umushingwamanza (avocat) yarafashwe kuwa gatatu i Lagos muri Nigeria, ari mu rubanza rwo kurekuza umuntu vy'agateganyo.

Igipolisi kivuga ko uwo mugabo w'imyaka 49 yari amaze imyaka 15 akora ako kazi, naho ata mpamyabushobozi muri uwo mwuga yari afise.

Yatanguye gukekwa igihe yagerageza gusubiramwo ingingo iri mw'ibwirizwa shingiro kugira ashigikire ivyo yariko arareguza uwo yunganira.

Yananiwe guhererekanya neza amajambo, aca ahatwa ibibaza n'uwundi munshingwamanza bimuta ku w'amazi.