Leta y'u Burundi ivuga ko yahaye Kongo "inkozi z'ikibi"

Ahavuye isanamu, Getty Images
U Burundi buvuga ko ari ibisanzwe guhanahana inkozi z'ikibi na Kongo
Leta y'u Burundi yaraye ihaye Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo abarwanyi b'aba Mai Mai 18 bari bafiswe n'inzego zijejwe umutekano.
Aba biyongeye ku bandi bashika 38 u Burundi kandi bwahaye Kongo mu mpera z'umwaka uheze.
Umuvugizi w'igipolisi c'u Burundi, Pierre Nkurikiye, yabwiye BBC ati: "Aba n'ababonye umukomezwa ubaye mwinshi bahungira mu Rumonge n'i Makamba".
Pierre Nkurikiye kandi yavuze ko babahaye Kongo hari n'abaserukiye ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi.
Ati: "Twarabantanze kuko atari impunzi, ni inkozi z'ikibi zironderwa muri Kongo"
Amategeko mpuzamakungu
Abajijwe nimba batararenze ku mategeko mpuzamakungu, mu gihe abwiriza igihugu gukingira abagihungiyemwo, bwana Nkurikiye yavuze ko ivyo bitaraba inkozi z'ikibi.
Yanavuze ko ari igikorwa gisanzwe co guhanahana inkozi z'ikibi, mu gihe Kongo nayo ngo ihora ihereza u Burundi abaronderwa.