Burundi: Imyiyerekano yo kwiyamiriza icegeranyo ca Onu

Ababa mu gisagara ca Bujumbura biyamiriza icegeranyo ca Onu ku munsi wa gatandatu itariki 10 Ukwezi kwa kabiri 2018
Image caption Ababa mu gisagara ca Bujumbura biyamiriza icegeranyo ca Onu ku munsi wa gatandatu itariki 10 Ukwezi kwa kabiri 2018

Abanyagihugu isinzi bo mu gisagara ca Bujumbura bazindukiye kuri uno wa gatandatu mu myiyerekano yo kwiyamiriza icegeranyo cerekeye Uburundi giherutse gushirwa ahabona n'umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guteress.

Muri ico cegeranyo, umunyamabanga wa Onu avuga ko nubu icuka atari ciza hagati ya Leta y'u Burundi n'abatavuga rumwe nayo. Ku bwiwe rero ngo iyo mirwi ntihuza namba ku mugambi wa Leta wo guhindura ibwirizwa nshingiro ngo kuberako itabagishije inama. Umunyamabanga wa Onu avuga kandi ko ababajwe nuko muri iyo nteguro nshasha y'ibwirizwa nshingiro, bategekanya ko ikibazo kijanye n'ibitigiri vy'amoko muri Leta bishobora kuzohindurwa inyuma y'imyaka itanu. Akabona ko ubutegetsi bufise umugambi wo gusambura amasezerano ya Arusha.

Ico cegeranyo rero gisa n'icashavuje indongozi z'igisagara ca Bujumbura. Nico catumye izo ndongozi zihamagarira abanyagisagara kuja mu mabarabara kugira baciyamirize.

Mw'ijambo umuhanuzi w'umukuru w'igisagara ca Bujumbura, Christophe Kinshasa, yashikirije yamenyesheje ko badashobora kwihanganira abakorera irementanya u Burundi.

« rapport umunyamabanga mukuru wa onu aherutse gusohora ku Burundi ni iy'ibinyoma. Turazi neza ko atariwe yayiteguye. Yateguwe na ka karwi mwese muzi gafise abantu bagakorera bari mu gihugu. Ako karwi nta yindi ntumbero gafise atari ukudutesha intumbero yo kwitegurira neza amatora yo kwemeza ibwirizwa nshingiro. Ibwirizwa nshingiro riraba abarundi bonyene », nikwo Kinshassa yavuze.

« Ishirahamwe onu nta bubasha rifise bwo gusubiramwo canke kwisuka mu vyo abarundi bipfuza ku kungene igihugu cotunganywa », nikwo abandanya avuga.

Image caption Abanyagihugu bitwaje inkaratasi ziriko amajambo yiyamiriza ico cegeranyo

Uwaserukiye umukuru w'igisagara ca Bujumbura, yasavye reta kutemera ico cegeranyo kandi ikagira ico ishikirije vuba na bwango.

Ku bw'ico cegeranyo, bitegekanijwe ko umunyamabanga wa ONU azogishikiriza akanama ka Onu kajejwe umutekano kugira gafate ingingo zibereye mu mpera z'ukwezi kwa 5.