ANC irigina imyaka 100 irangiye Nelson Mandela avutse

Nelson Mandela atamba inyuma yaho ANC itsindiye amatora mu 1994.

Ahavuye isanamu, Per-Anders Pettersson/Getty

Insiguro y'isanamu,

Nelson Mandela atamba inyuma yaho ANC itsindiye amatora mu 1994.

Umugambwe uri ku butegetsi "African National Congress" (ANC) muri Afrika Yepfo, uno munsi waramutse wigina imyaka 100 irangiye umuperezida wa mbere w'umwirabure Nelson Mandela avutse.

Umukuru w'umugambwe, Cyril Ramaphosa, yasavye ashimitse abanya Afrika Yepfo kwibuka no gushira imbere ivyo Bwana Mandela yagendera akongera agahagararako.

Bwana Ramaphosa yasavye ko ingeso y'ibiturire yorangira, avuga ko abanyuruza amatungo y'igihugu bazoshikirizwa ubutungane.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Cyril Ramaphosa (i buryo) niwe ashobora gusubirira Prezida Zuma igihe yoba atanze imihoho

Umukuru w'igihugu w'ubu, Jacob Zuma, aregwa ivyaha bishingiye ku biturire, amaze igihe yanka kwitaba akamo kamusaba gutanga imihoho.

Umugambwe ANC watangaje ko inama y'abagize umugwi nyobozi ufise ububasha bwo kumuhagarika mu mabanga, izokarana ku munsi wa mbere.

Bwana Mandela atihanganira ibiturire, yatanguye kumenya umugambwe ANC akiri muto, imbere yuko awurongora kuva mu 1991 gushika mu 1997.

Ahavuye isanamu, CORBIS

Insiguro y'isanamu,

Mandela yapfunzwe imyaka 27 imbere yuko arekugwa

Ahavuye isanamu, Luyolo Stengile

Insiguro y'isanamu,

Nelson Mandela (uwa gatatu uvuye i buryo hejuru) yatanguye kumenya umugambwe ANC afise imyaka 18

Nelson Mandela yabaye umukuru w'igihugu ca Afrika Yepfo kuva mu mwaka w'i 1994 n'i 1999, uburongozi bwiwe bwari bushimikiye ku kurandurana n'imizi intwaro ishingiye kw'ivangura rituruka ku rukoba bita "apartheid" hamwe n'ugusubira kunywanisha abenegihugu.

Nelson Mandela yarafashije kugarukana amahoro mu Burundi

Aho aviriye ku butegetsi kubera ko amagara atanguye kumukika, akaja mu karuhuko k'iza bukuru, yarafashije mu biganiro vy'amahoro mu gihugu c'u Burundi.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Igipolisi c'u Burundi igihe c'imyiyerekano igwanya ikiringo ca gatatu ca Prezida Pierre Nkurunziza mu 2015

Yagenywe muri ayo mabanga mu mpera z'umwaka w'i 1999, asubirira uwayahoramwo yigeze gutwara igihugu ca Tanzaniya, Julius Nyerere, yaheruka kwitaba Imana mu kwezikw'icumi kw'uwo mwaka.

Bwana Mandela yarahuje imigwi ishamiranye y'abarundi n'iyindi migambwe mu biganiro, vyashitse ku masezerano y'amahoro yapfunditswe kw'itariki 28 Ukwezi kwa kw'umunani mu 2000 mu gisagara ca Arusha muri Tanzaniya.

Kuva ico gihe abarundi bo mu moko atandukanye bemeranya kuza baragabangana ubutegetsi no kuvanga inteko z'umutekano n'iz'igisirikare mu moko yose.

Muri kino gihe abanyepolitike b'abarundi ntibategera kumwe ingingo zigize amasezerano ayo masezerano, Nelson Mandela yafashije kugerako.