Prezida Zuma wa Afrika y'epfo vyitezwe ko atanga imihoho

Abantu benshi mu mugambwe ANC bizeye ko ikugwa rya Zuma ryotuma umugambwe witegurira neza amatora yo mu 2019 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abantu benshi mu mugambwe ANC bizeye ko ikugwa rya Zuma ryotuma umugambwe witegurira neza amatora yo mu 2019

Umugwi nyobozi w'umugambwe ANC uri ku butegetsi muri Afrika y'epfo vyitezwe ko usaba Prezida Jacob Zuma gutanga imihoho ni wahura uno munsi.

Ku munsi wa Mungu uwurongoye umugambwe, Cyril Ramaphosa, yasavye Bwana Zuma gukinjura ku gushaka kwiwe canke agakurwa ku nguvu n'umugwi nyobozi w'umugambwe.

Natubahiriza ivyasabwe, hazoca hatunganywa amatora y'inama nshingamateka yo kumukurako icizere.

Uwo mukuru w'igihugu yagirizwa amakosa menshi ashingiye ku biturire, ngo yoba amaze iminsi yisabira ukuntu yotanga ubutegetsi neza.