Amerika ivuga ko yipfuza kuganira na Korea ya ruguru

Bwana Pence (i bubamfu) na Prezida wa Korea ya Ruguru Kim Yong-nam (hagati) na mushiki w'indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Yo-jong (hagati), bifashe nk'abatazinanye Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bwana Pence (i bubamfu) na Prezida wa Korea ya Ruguru Kim Yong-nam (hagati) na mushiki w'indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Yo-jong (hagati), bifashe nk'abatazinanye

Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika gisa n'icigaruye uravye aho cari gihagaze ku bijanye n'ibiganiro na Korea ya ruguru, ubu kikaba gisa n'ikiriko kirorosha ibintu.

Asubira muri Amerika avuye muri Korea y'epfo, icegera c'umukuru w'igihugu wa Amerika, Mike Pence, yavuze ko ibihano vyashizwe kuri Korea ya ruguru bizogumizwaho, ariko amenyesha ko Amerika yipfuza kuvugana n'ico gihugu.

Inyuma yaho, umunyamabanga w'imigenderanire ya Amerika n'amakungu, Rex Tillerson, yavuze ko ari Korea ya ruguru ikwiye kuvuga igihe ikenereye ibiganiro bifise akamaro.

Uwo mugambi w'ibiganiro watanguye kuvugwa ku munsi wa gatandatu igihe indongozi ya Korea ya ruguru, Kim Jong-un, atumiye Prezida wa Korea y'epfo, Moon Jae-in i Pyongyang mu biganiro, ubutumwa bwatanzwe na mushikiwe Kim Yo-jong.