Igitero ca Macerata cavyuye ikibazo c'abimukira mu Butaliyano

Luca Traini yagirizwa kurasa agakomeretsa abanyamahanga batandatu Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Luca Traini yagirizwa kurasa agakomeretsa abanyamahanga batandatu

Inyuma yaho umutaliyano Luca Traini arasiye abanyamahanga batandatu b'abimukira mu gisagara ca Macerata, ikibazo c'abimukira gisa n'icavyutse imbere y'amatora yimirije mu ntango y'ukwezi kwa gatatu mu Butaliyano.

Abarashwe bagakomereka, muri kino gihe bariko baratora mitende, ntibategera inyifato ya Luca Traini.

Jennifer Otioto ari mu barashwe kw'itariki 3 ukwezi kwa kabiri, avuga ko ata minsi myinshi yaramaze mu Butaliyano igihe araswa.

"Si ndi mu Butaliyano igihe kirekire," niko uwo mukobwa w'imyaka 29 avuga ari mu cumba mu bitaro.

"Navuye muri Nigeria, none ubu nisanze hano."

Mu gitondo co kw'itariki 3 ukwezi kwa kabiri, Otioto yararindiriye bisi ku gituro co mu gisagara ca Macerata.

Munyuma umugabo w'Umutaliyano w'imyaka 28, Luca Traini, atumbereza imodoka yiwe yo mu bwoko bwa Alfa Romeo aho yarari, aramurasa.

Otioto, akora mu vy'imishatsi, ariko aratora mitende inyuma yaho akomerekerejwe n'amasasu, ntarategera neza ivyamushikiye.

Agira ati "Sintegera ibintu nkivyo,".

Luca Traini yarashe abandi bimukira batanu uwo munsi, ariko bose ntawapfuye.

Aho urusase rwatoboye inzu bokerezamwo imikate muri ico gitero, nubu ntiharakogwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igitoboro cimbwe n'urusasu rw'inkoho igihe uwo mugabo yarasa

Uwo mugabo ngo bisa naho yahiga umuntu wese asa nuko yoba yavuye muri Afrika.

Kofi Wilson, w'imyaka 20, aturuka mu gihugu ca Ghana, yaragiye kwimwesha igihe arasiwe mu gikiriza.

"Twabanje twumva urwamo rw'amasasu," niko Wilson avuga yibuka.

"Inyuma yayo masasu, nagize nti, oya iyo si inkoho, kuko turi i Buraya."

Image caption Kofi Wilson yarashwe agiye kwimwesha

"Si je nahisemwo kuba umwirabure", niko abandanya avuga.

"Ntivyari bikwiye, kugerageza kwica umuntu ngo nuko ari umwirabure."

Kofi Wilson amaze amezi 17 mu gihugu c'Ubutaliyano.

Ukwo kuraswa nta na kimwe kwahinduye kuri kazoza kiwe, ntiyipfuza gusubira mu gihugu ca Ghana.

"Nipfuza kuguma mu Butaliyano ku gihe nsigaranye c'ubuzima."

Ariko ukuri nuko Abataliyano benshi boba bipfuza kubona we n'abandi babaviriyeho.

Muri ino myaka ine irangiye, abimukira barenga 600000 nibo binjiye mu gihugu c'Ubutaliyano.

Si bose bahagumye, ariko uwo muzo wabo warahinduye igihugu.

Ibombe irindiriye guturika

Intagondwa zagiriza abimukira kwimurira ubwicanyi n'ingwara mu Butaliyano.

Ivyo vyiyumviro nivyo vyatumye Luca Traini akora iryo bara.

Mu mwaka uheze yari yitoje mu matora yo mu gace abamwo, mu mugambwe wo mu buraruko bw'igihugu ugwanya abimukira.

Mu mwaka uheze, bagenziwe b'i Macerata niho bamubonako imigenzo y'ubutagondwa.

"Luca yahindutse bukwi," niko Francesco Clerico afise ikigo co kunonoreramwo imitsi avuga yibuka.

"Mu nyubakwa yo kunonoreramwo imitsi, yarerekana ivyiyumviro vy'ubutagondwa bishingiye ku rukoba. Twese twaratangaye."

Image caption Francesco Clerico afise inyubakwa yo kunonoreramwo imitsi avuga ko Traini yanyuzwe n'ubutagondwa

"Luca Traini si umuntu mubi, ntazi ivyo akora kandi vyose akabishiramwo ubutagondwa.

"Yaguma arondera umugwi yojamwo munyuma arawuronka, umugwi w'intagondwa uramunyura. Umuntu nkuwo abanye n'intagondwa nka mwenizo, usanga ameze nka bombe irindiriye guturika umwanya uwariwo wose."

Ico kibombe caturitse itariki 3 Ukwezi kwa kabiri, igihe arasa agakomeretsa abimukira batandatu.

Amatora y'umukuru w'igihugu

Umugambwe Traini ashigikira, "Northern League", uguma ugira inguvu nyinshi muri politike y'Ubutaliyano.

Uzoba uriko urahiganwa itariki 4 ukwezi kwa gatatu igihe c'amatora rusangi, uri kumwe n'umugambwe w'uwahora ari umushikiranganji wa mbere Silvio Berlusconi.

Mu matohoza akoregwa ku banyagihugu, urunani rw'iyo migambwe ibiri rushobora gutsinda umugambwe uri ku butegetsi.

Imigambwe y'abadashigikiye abimukira aho igeze, nuko ishobora gusanga yasangiye ubutegetsi n'ababufise muri kino gihe, ivyo navyo bigatera amakenga Abataliyano benshi.