Nigeria bati "nta kigongwe ku nzoka imira amafaranga"

Inzoka Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amahera angana n'ibihumbi ijana vy'amadolari ya Amerika yarabuze, bavyegeka ku nzoka

Umukozi wo mu kigo ca leta kijejwe gutegura ibibazo bitangwa mu mashure yirukanywe mu kazi nyuma yo gutanga insiguro y'akamuna kw'ibura ry'amafaranga menshi.

Philomena Chieshe yabwiye umugwi w'abagenduzi i Makurdi ko amafaranga afise agaciro kangana hafi ibuhumbi ijana vy'amadolari yamizwe n'inzoka.

Abajejwe intwaro baramurahiriye ko ivyo bidashoboka, insiguro yiwe banka kuyemera.

Urwego rujejwe kurwanya igiturire muri Nigeria rwashize ku rubuga twitter isanamu y'inkona iriko irahiga inzoka, baca bandi munsi bati "nta kigongwe ku nzoka imira amafaranga".

Ikibazo c'igiturire mu bakozi ba leta muri Nigeria kiravugwa cane, kandi si ubwa mbere umukozi canke umuyobozi yagirizwa kunyuruza amafaranga menshi.

Mu mwaka uheze, igiko kijejwe kurwanya igiturire casanze mu nzu y'umuntu baje gusaka amahera y'amakashi ashika imiriyoni mirongo ine na zitatu z'amadolari.