Umushingwamanza mukuru wa leta ya Kenya yatanze imihoho

Prof Githu Muigai Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Icatumye Prof Githu Muigai atanga imihoho ntikiramenyekana

Prof Githu Muigai, umushingwamanza mukuru wa leta ya Kenya yatanze imihoho, nyuma y'iminsi agabishije uwutavuga rumwe na leta, Raila Odinga, amwagiriza guhemukira igihugu.

Inkuru y'itanga ry'imihoho rya kizigenza mu bahanura leta mu vy'amategeko yatangajwe n'umukuru w'igihugu, Uhuru Kenyatta.

Mu butumwa kuti twitter, umukuru w'igihugu yavuze ko ababajwe n'uburyo budasanzwe Prof Muigai avuye mu mabanga yiwe.

Ntibizwi neza igitumye uyu mwigisha wa kaminuza mu vy'amategeko, yari amaze imyaka itandatu ahagarariye leta mu vy'amategeko, atanga imihoho.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prof Githu Muigai (hagati) niwe yari umuhanuzi mukuru wa leta ya Kenya mu bijanye n'amategeko

Mu bihe biheze yarumvikanye cane ashigikira leta mu bibazo bitumvikanwako na bose.

Imbere y'uko haba ukwirahiza kw'umukuru w'abatavuga rumwe na leta, Raila Odinga, mu kwezi guheze, Prof Muigai yari yagabishike ko azokwagiriza uwo munyepolitike ivyaha vy'ubugambanyi ku gihugu.

Prof Muigai yarigeze kuba intumwa idasanzwe y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ijejwe gutohoza ku bijanye n'ivanguramoko rifatiye ku rukoba mu bihe vya none, hamwe n'ibindi bijanye no kutihanganirana.

Andi makuru kuri Kenya:

Umucamanza mukuru muri Kenya yahaye gasopo guverinoma

Kenya ivuga iti "Miguna si Umunyakenya!", arirukanwa

Umwe mu bitavye kurahira kwa Odinga muri Kenya yafashwe