Zuma yavuze ko kumusaba gukinjura ari ukumurenganya

Jacob Zuma Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Jacob Zuma avuga ko ari ukumurenganya kumusaba gutanga imihoho

Umukuru w'igihugu wa Afrika y'epfo atorohewe, Jacob Zuma, yatanze ikiganiro aho yavuze ko ibiriko biraba vyo kugerageza kumubogoza birimwo akarenganyo.

Abicishije kuri television ikibiriraho (live), bwana Zuma yaseye n'uwiyumanganya kiringo ntarengwa yahawe ngo abe yakinjuye gihera n'uno munsi, avuga ko atumva igituma ANC irajwe cane ishinga n'ico kibazo.

Ku bwiwe, nk'uko yavyigivuye, ngo abona ata mpamvu n'imwe ihari yotuma atanga imihoho.

Gukurwako icizere

Umugambwe ANC uvuga ko bwana Zuma natatanga imihoho we nyene ubwiwe, azoca ategerezwa kubogozwa mu matora yo kumukurako icizere mu nama nshingamateka y'ejo kuwa kane.

Icegera ciwe, Cyril Ramaphosa, vyitezwe ko muri ico gihe ari we azoca atorerwa kumusubirira.

Soma Kandi: