Mu Burundi ngo ntiharagera kwigisha "ego" canke "oya"

Abajejwe intwaro mu Burundi bavuga ko hari abitiranya ibintu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abajejwe intwaro mu Burundi bavuga ko hari abitiranya ibintu

Hamaze iminsi hacanacanako ku mbuga hwaniro amasanamu y'abo bigaragara ko ari abo mu mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD FDD, babwira abanyagihugu ko uwuzigisha "oya" azofatwa.

Abagaragara muri ayo masanamu, bahimiriza abanyagihugu bigaragara ko bari mu nama, ko batokwumviriza uwuzoza ababwira gutora "oya" muri kamarampaka kw'ibwirizwa shingiro rishasha.

Abajejwe intwaro ariko bavuga ko ivyo atari vyo, ko ari ibintu bizanana ahandi bakavyitirira umugambwe uri ku butegetsi.

BBC yavuganye n'icegera c'umuvugizi w'umukuru w'u Burundi, Alain Nzeyimana, avuga ko ikiringo co kwigisha "ego" canke "oya" kitaragera.

Bwana Nzeyimana yagize ati: "Iyo amatora yimirije mu Burundi abantu baravuga canke bagakora ivyo bishakiye, ugasanga hari abadashaka ko bigenda neza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Facebook, Alain Nzayimana
Image caption Alain Nzeyimana avuga ko abigisha ibitarivyo, hariho amategeko ngo kandi azokurikizwa

"Hariho ikibazo co kwitiranya ibihe kuko kwiyamamariza amatora ntiharagera. Ikiriko kirakorwa ni gusigurira abanyagihugu ibishobora kuzohinduka mw'ibwirizwa shingiro ry'u Burundi.

BBC yakiniye Alain Nzeyimana ijwi ryakuwe muri video imwe yerekana uwitwa Desire Bigirimana, umukuru wa komine Gashoho yo mu ntara ya Muyinga.

Desire Bigirimana abwira abanyagihugu ati: "Tugire CNN FDD.... niba baraduhenze muri 2015 ivyabo twarabibonye. Uwuzoza kubabwira ibindi bitajanye na "ego" na Peter (Pierre Nkurunziza), guta mu mutwe.

"... Mwe muzompamagara gusa nsanga aboshe".

Kuri ivyo bwana Nzeyimana yavuze ko wumvirije ijwi gutyo udashobora guca umenya umuntu ariko aravuga uwo ari we, kuko amajwi utomenya iyo aje ava.

Yabandanije avuga ko igihe co kwiyamamaza kitaragera, ngo kandi nimba hari ukwigisha ibitari vyo kwoba ari kurenga ku mategeko, ngo kandi amategeko arakora mu gihugu.

Abategetsi batandukanye bo muri leta baramaze kwumvikana babwira abanyagihugu gutora "ego" mu gihe bariko barabasigurira ibizohinduka mw'ibwirizwa shingiro.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi kwagirizwa kwigisha gutore "ego" abandi batemerewe kwigisha "oya"

Abatavuga rumwe na leta bidoga bavuga ko bobo batemerewe kwigisha ukundi, ngo kandi abagerageje barafatwa.

Amatora ya kamarampaka kw'ibwirizwa shingiro ry'u Burundi yitezwe mu kwezi kwa gatanu, kwamamaza gutora "ego" canke "oya" bikazoba hasigaye iminsi cumi n'ibiri ngo amatora abe.

Soma kandi: