Umusore yirukanywe yishe 17 aho yahora yiga muri Florida

Amashusho yazungurutse yerekana abanyeshuli basohogwa mu migwi mitomito Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amashusho yazungurutse yerekana abanyeshuli basohogwa mu migwi mitomito

Umusore yirukanywe yasubiye kw'ishuli yahora yigako ahitwa Parkland, yica abantu 17 barimwo abanyeshuli n'abakuze mu ntara ya Florida muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Bubaye ubwicanyi bwa kabiri buhitanye abantu benshi, bubereye kw'ishuli muri Amerika.

Abarenga cumi bandi bakomeretse, kandi bamwe muribo bararemvye.

Igipolisi cafashe uwikekwa kuri ubwo bwicanyi, umusore w'imyaka 19 azwi kw'izina rya Nikolas Cruz, yirukanywe kw'ishuli "Marjory Stoneman Douglas High School" kubera indero.

Umukuru w'igipolisi yavuze ko yabanje yica abantu batatu hanze y'ishuli, imbere yuko agera imbere akica abandi.

(Ni ishuli rigira 19 biciyemwo abantu muri Amerika uno mwaka; kuva mu kwezi kwa mbere kwo mu 2013 rikaba rigira irya 291.)

Uwufise ububasha kw’isanamu INSTAGRAM
Image caption Bwana Cruz yaciye ashira amafoto yiwe kuri Instagram, ikonte yiwe yahavuye yugagwa

Igipolisi caciye kija gufungira Bwana Cruz ku biro vya Coral Springs inyuma y'isaha amaze gukora iryo bara.

"Twamaze gutangura gusuzuma imbuga ngurukanabumenyi ziwe hamwe n'ivyo yagiye arashira ku mbuga hwaniro, bimwe murivyo ntibiryoshe kuraba," niko Sheriff Israel yavuze.

"Ni umunsi mubi cane kuri twebwe," niko Robert Runcie, ari mu bagenzura iryo shuli yavuze.

Iryo shuli rifise hafi abanyeshuli 3000, ivyigwa vyaciye bihagarikwa ino ndwi.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Munyuma abanyeshuli babonanye n'abavyeyi babo

Caesar Figueroa, umuvyeyi aharereye, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru CBS ko umukobwa wiwe yari yinyegeje mu kabati igihe amuhamagara.

Avuga ko yamusavye ngo ntamuhamagare kuberako atashaka ko uwo mwicanyi yumva ijwi ryiwe.