Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia yatanze imihoho

Hailemariam Desalegn yabaye umushikiranganji wa mbere kuva mu 2012 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Hailemariam Desalegn yabaye umushikiranganji wa mbere kuva mu 2012

Ikinyamakuru cegereye ubutegetsi muri Ethiopia camenyesheje ko umushikiranganji wa mbere, Hailemariam Desalegn, yatanze ikete ryo gutanga imihoho.

Bivugwa ko Bwana Desalegn yatanze imihoho no ku burongozi bw'umugambwe uri ku butegetsi "Ethiopian People's Revolutionary Democratic Front".

Nta nsiguro ziratangwa z'icatumye atanga imihoho.

Abantu amajana barishwe, ibihumbi barapfungwa mu myiyerekano y'abagwanya ubutegetsi imaze imyaka itatu iba mu gihugu ca Ethiopia.

Harabaye ukutumvikana kw'abagize leta rusangi, ku bijanye n'ingene imidurumbanyo imaze iminsi mu gihugu yotoregwa umuti.