Ramaphosa yiyemeje gusununura ubuzima bw'abanyagihugu

Cyril Ramaphosa, umukuru w'igihugu mushasha wa Afrika y'epfo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Cyril Ramaphosa asubiriye Jacob Zuma yaraye atanze imihoho

Uwatorewe kuba umukuru w'igihugu mushasha wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa, yabwiye inama nshingamateka ko azokorana n'imigambwe yose mu guteza imbere ubuzima bw'abanyagihugu.

Aho yafata ijambo mu nama nshingamateka haciye umwanya mutoyi atowe, bwana Ramaphosa yavuze yuko kurwanya igiturire biri mu bintu nyamukuru azibandaho.

Yahejeje ijambo ryiwe rigufi yiyemeza gukora yivuye inyuma kugira ntaze atenguhe Abanyafrika y'epfo.

Bwana Ramaphosa, umugwizatunga yavyungukiyemwo cane, arongoye umugambwe uri ku butegetsi ANC kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Ka mukuru w'igihugu, ashikiriye ubutegetsi igihugu kiri mu bibazo vy'ubutunzi hamwe n'ukutumvikana mu mugambwe.

Izindi nkuru nk'iyi: