Abasirikare ba Kongo n'u Rwanda baraye bakozanijeko

Umusirikare wa Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, mu gihe c'imirwano n'abarwanyi b'umugwi ADF Nalu mu kwezi kwa mbere 2018

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Kongo ivuga ko abasirikare b'u Rwanda bari binjiye ku butaka bwayo

Vyabereye munsi y'umusozi wa Nikeno uri ku rubibe hagati ya Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo n'igihugu c'u Rwanda, haba ukurasana umwanya muto.

Ukwo kurasana ariko kwaje guhagarara abajejwe igisirikare ca Kongo babwiye abasirikare babo guhagarika kurekura umucanwa.

BBC yashoboye kuvugana n'umuvugizi w'igisirikare ca Kongo, Majoro Guilaume Ndjike, asigura ingene iryo tana mu mitwe ryagenze.

Majoro Ndjike yagize ati: "Abasirikare bacu bariko barakizura mu karere kari munsi y'umusozi wa Nikeno, bagwa mu masasu y'umwansi bataciye bamenya.

"Haciye haba ukurasana, mu nyuma abajejwe igisirikare c'u Rwanda babwira abagaba bacu i Kinsha ko ari abasirikare b'u Rwanda."

Uwo muvugizi yabandanije avuga ko hari ibirindiro bitatu vy'igisikare c'u Rwanda biri mu karere kari ku butaka bwa Kongo.

Ikibazo c'urubibe

Ikibaco c'urubibe rudaciye neza ku buryo bugaraga ngo nico cateje ukwo gukozanyako, ibiro ntara makuru AFP bikavuga ko hari abahasize ubuzima ku mpande zombi.

Abasirikare b'u Rwanda bagiye mu gikorwa co guhagararira amahoro muri Darfur mu 2004

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Igisirikare c'u Rwanda ntaco cabivuzeko

Major Guillaume Ndjike yagize ati: "Si ubwa mbere haba ikibazo nk'iki kubera urubibe ruciye nabi. Turasaba abajejwe guca urubibe ko bobinyarutsa kuko ukibazo ari ico."

Hari haciye igihe kitari gito ata gukozanyako kuvuzwe hagati y'igisirikare ca Kongo n'ic'u Rwanda.

BBC yagerageje kumenya ico u Rwanda ruvuga ku bivugwa n'igisirikare ca Kongo ariko ntivyadukundiye.

Soma kandi: