Oxfam igiye gutohoza ku mabi ashingiye ku gitsina aregwa abakozi bayo

Uwurongoye Oxfam Winnie Byanyima avuga ko agiye gutunganiriza abakorewe amabi
Image caption Uwurongoye Oxfam Winnie Byanyima avuga ko agiye gutunganiriza abakorewe amabi

Umuyobozi nshingwabikorwa wa Oxfam, Winnie Byanyima yavuze ko ubutungane buzokora, abagigwa n'amabi ashingiye ku gitsina bagahanwa, umugwi w'itohoza agiye gushinga ni warangiza igikorwa cawo.

Uwo mukenyezi yasavye abakorewe amabi guseruka kugira ngo batunganirizwe, avuga ko ikibanza arimwo kimuhamagarira gufasha abagore bose bakorewe amabi.

Iryo shirahamwe ryo mu Bwongereza ryihaye intego yo gufasha, ryaridogewe ku kuntu ryitwaye ku bivugwa ko abakozi baryo bahaye akazi imaraya mu 2011 mu gihugu ca Haiti.

Avuga ko vyababaje iryo shirahamwe ariko yongera avuga ati: "Nta kuntu rino shirahamwe ryacu ryosenyuka...amakungu ararikeneye."

Madamu Byanyima, niwe mutegetsi mukuru cane wo hejuru muri Oxfam agize ico avuga kuri ico kibazo, akavuga ko yatanguye kwumva ayo majambo ubwa mbere mu makuru mu ndwi iheze.

Mu kiganiro n'umumenyeshamakuru wa BBC ajejwe abanyamahanga James Landale, yavuze mu rurimi rw'i Buganda ko asavye ikigongwe: "Bivuye ku mutima tugirire ikigongwe, girira ikigongwe Oxfam."

Yemeye ko adashobora kwemeza ko ata bakozi boba bakoze amabi ashingiye ku gitsina bari mw'ishirahamwe arongoye, ariko avuga ko Oxfam yiyemeje gushinga inyifato itihanganira iyo ngeso.

Amabi nka mwenayo ngo yarakozwe n'abakozi ba Oxfam no mu gihugu ca Tchad.

Oxfam ifise abakozi bashika 10000 bakorera mu bihugu 90 kw'isi.

Oxfam ishaka ko ibihugu vyahuye na Ebola bifashwa

Mu ntango ya kuno kwezi hari amakuru yavuga ko igihe Oxfam igiriye gutabara muri Haiti mu 2011, umuyobozi wayo mu gihugu, Roland van Hauwermeiren yahaye akazi imaraya, azikoteshereza n'inzu yishugwa na Oxfam.

Uwufise ububasha kw’isanamu VRT
Image caption Roland Van Hauwermeiren yakoze muri Tchad mu 2006-09 imbere yuko aja muri Haiti mu 2010

Bwana Van Hauwermeiren, yasezereye Oxfam mu 2011 kubera ivyo yaregwa vy'ubusambanyi, yarahakanye ko yahaye akazi imaraya ariko avuga ko yagiranye imigenderanire n'umugore ariko ko atari imaraya.

Inyuma y'aho ayo makuru asohorewe, iryo shirahamwe ryidogewe na Leta y'Ubwongereza hamwe n'umukuru w'igihugu ca Haiti.

Umunyamabanga ajejwe iterambere ku rwego mpuzamakungu, Secretary Penny Mordaunt avuga ko ashobora guhagarika amahera yaha iryo shirahamwe, yashitse ku miliyoni z'amapawundi £32 mu mwaka uheze.

Inyuma y'ivyo riregwa, iryo shirahamwe ryatumye abanyecubahiro bariserukira nk'umukinyi wa sinema Minnie Driver na Desmond Tutu yigeze gustindira agashimwe kitiriwe Nobel, barivako.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Musenyeri mukuru Tutu yavuze ko yacitse inkokora n'iyo nyifato ivugwa muri Oxfam

Madamu Byanyima yavuze ko ababajwe no kubona aba ambasaderi "yubaha cabe" bagiye.

Umugwi ugiye kugenwa mw'iryo shirahamwe ugiye gutanguza itohoza ariko ukaba ufise amakenga ko "udashobora kuronka amakuru yose kandi y'ukuri" kuri ayo mabi ashingiye ku gitsina yakorewe muri Haiti.