Gutteres: Ntawokwihanganira ingeso y'ubusambanyi mu mashirahamwe

Umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Gutteres yigeze gutwara ishami ryitaho impunzi arakeza imikorere ya Oxfam muri rusangi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Gutteres yigeze gutwara ishami ryitaho impunzi arakeza imikorere ya Oxfam muri rusangi

Umunyamabanga mukuru wa Onu yabwiye BBC ko ata muntu yokwihanganira ingeso y'ubusambanyi mu mashirahamwe y'abagiraneza.

Antonio Gutteres yariko arashikiriza aho ahagaze, ku bivugwa ko hari abakozi bigenjeje nabi mw'ishirahamwe ry'abagiraneza Oxfam ryo mu gihugu c'Ubwongereza.

Yavuze ko ikibazo co guhohotera umuntu bishingiye ku gitsina, ari ikibazo kivugwa mu makungu, kigwiriye mu bakozi bari mu gisata c'iterambere.

Bwana Gutteres avuga ko ibiregwa Oxfam bidakwiye gufatwa minenengwe, ariko atera amashugwe ibikorwa vy'iryo shirahamwe, avuga ko ryagumye ryizegwa na Onu.

Yavuze ko icihuta ari gutunganya politike, yotuma abanyagihugu bumva ko bashobora kwizera amashirahamwe y'abagiraneza.