RD Congo: Onu ivuga ko abana 46000 bahunze ingwano

Unicef ivuga ko abana bashika 46000 bahunze ingwano Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Unicef ivuga ko abana bashika 46000 bahunze ingwano

Igisata ca Onu citaho indero y'abana, Unicef kivuga ko abana 46000 bahunze kubera ubwicanyi bwadutse mu miryango ibiri mu buseruko bwa Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo (RD Congo).

Umumenyeshamakuru wa BBC avuga ko yabonye ibigwati vyaturiwe, bitakirangwamwo umuntu mu ntara ya Ituri, aho abanyagihugu bo mu moko y'aba Hema n'aba Lendu bamaze iminsi batana mu mitwe kubera ibibazo vy'amatongo.

Amakungu atewe amakenga n'ukuntu umutekano uguma uhungabana mu buseruko bwa Congo.

Abakurikiranira hafi ibiberayo, bavuga ko ubwicanyi buba muri kino gihe bushingiye ku kwunguruza itariki y'amatora, nuko Prezida Joseph Kabila yanse kuva ku butegetsi, ikiringo ciwe kikaba kimaze umwaka kirangiriye.