Prezida musha Ramaphosa ngo Afrika Yepfo yinjiye mu "mutwenzi mushasha"

Cyril Ramaphosa, 65, ari mu banyapolitike ba mbere ba Afrika Yepfo batunze cane Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Cyril Ramaphosa, 65, ari mu banyapolitike ba mbere ba Afrika Yepfo batunze cane

Mw'ijambo rya mbere yashikirije ku bijanye n'ingene igihugu cifashe, Prezida mushasha Cyril Ramaphosa yavuze ko igihugu ca Afrika Yepfo cinjiye mu "mutwenzi mushasha".

Bwana Ramaphosa, yarahijwe ku munsi wa kane, yemeye kwicarira ikibazo c'ibiturire.

Yavuze ko agiye kwihutisha ikibazo co kugabura amatongo, avuga nuko agiye kuzamura ubutunzi no gutanga akazi.

Uwo yasubiriye, Jacob Zuma, yatanze imihoho ku munsi wa gatatu agondojwe n'umugwi nyobozi wa ANC.

Akurikiranwa ku vyaha vyinshi vyerekeye ibiturire.

Bwana Ramaphosa, afise imyaka 65 yahora mu budandaji, mw'ijambo ryiwe yashimikiye mu kuvyara ubuzi, avuga ko igihugu kigeze aho gifata ingingo zikomeye kuberako ubutunzi butava aho buri, kikagira n'umwenda w'umurengera.

Yarashize ahabona ikibazo c'urwaruka rudafise akazi, avuga ko agiye gutanga ubuzi umuliyoni bwo kwimenyereza, abazobujamwo bazohembwa mu myaka iri mbere.

"Uno ni umwaka tugiye gukura ibiturire mu nzego z'igihugu," niko yavuze.

"Tugiye kwubaka igihugu gikorera mu kuri kandi ciyunze, kitemera abanyuruza umutungo w'igihugu, canke ubusuma bukogwa n'abanyonyozi batwara ivyashiriwe ku ruhande abanyagihugu basanzwe."