Umutegetsi wa Kaminuza ya Zimbabwe yafashwe ahowe Grace Mugabe

Madamu Mugabe yaronse urukaratasi rw'umutsindo yize amezi make Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Madamu Mugabe yaronse urukaratasi rw'umutsindo yize amezi make

Icegera c'uwurongoye ishuli kaminuza ya Zimbabwe, yafashwe ku bijanye n'urukaratasi rw'umutsindo rwa "doctorat" rwahawe uwahora ari umukenyezi wa mbere mu gihugu, Grace Mugabe.

Levi Nyagura yafashwe n'abakozi bo mu gisata kigwanya ibiturire, "Zimbabwe's Anti Corruption Commission", akaba agiye gukurikiranwa ku gukoresha nabi ububasha ahabwa n'akazi.

Grace Mugabe yaronse urukaratasi rw'umutsindo mu 2014 yize amezi make, mu gihe abandi bibafata imyaka myinshi kurushikako.

"Thèse" yiwe yasohowe ku mugaragaro mu kwezi guheze, haheze igihe hari abasaba ngo yakwe urwo rukaratasi rw'umutsindo rwa PhD.

Ntawuzi ko uwo mukenyezi wa mbere wa kera nawe arindiriye gufatwa.