Abanyepolitike bahuriye mu gisabisho co gusezera Tsvangirai

Morgan Tsvangirai yitavye Imana afise imyaka 65 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Morgan Tsvangirai yitavye Imana afise imyaka 65

Abanyepolitike bo mu migambwe itandukanye muri Zimbabwe, biyunze n'abanyagihugu mu misa yo gusezera ubwa nyuma uwahora ari umukuru w'imigambwe igwanya ubutegetsi, Morgan Tsvangirai, aheruka kwitaba Imana.

Uwo muhisi haheze iminsi ine ahitanywe n'ingwara ya "cancer", ikiziga ciwe cashitse i Harare ku munsi wa gatandatu kivuye muri Afrika Yepfo.

Inyuma y'imisa, gica kijanwa ku biro bikuru vy'umugambwe "Movement for Democratic Change" (MDC), kugira ngo abo basangiye urugamba bashobore kumuha icubahiro ca nyuma.

Ico kiziga kizoca kijanwa aho yavukiye i Buhera ku munsi wa kabiri, mu birori vyo kugishingura.

Ibikorwa vyose vyo gushingura Bwana Tsvangirai, birihwa na Leta.

Benshi mu bamushigikira, bavuga ko yarakwiye gufatwa nk'incungu y'igihugu, ikiziga ciwe kigashingugwa mu kibanza cahariwe incungu ku mugwa mukuru Harare.