Hari impungenge ku gateka ka zina muntu muri Tanzania

Abari mu myiyerekano bahanganye n'abapolisi ba Tanzania mu 2015 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amashirahamwe avuga ko agateka ka zina muntu kaguma gahonyangwa

Amashirahamwe ashika ijana y'abaharanira agateka ka zina muntu muri Tanzaniya, yavuze ko atewe amakenga n'ukuntu agateka ka zina muntu kaguma gahonyangwa.

Ayo mashirahamwe yari mu nama n'abamenyeshamakuru, atewe amakenga n'ihohotera avuga ko rikoreshwa n'ubutegetsi, cane cane ku migwi y'abo batavuga rumwe n'abayoboke bayo.

Urupfu rw'umwigeme wa kaminuza mu mpera z'indwi iheze bivugwa ko rwakozwe n'abapolisi, rwahagurukije amashirahamwe agwanira agateka ka zina muntu.

Mu kiganiro BBC yagiranye na Paul Mikongoti arongoye ikigo "Legal and Human Rights Centre", yavuze ko igipolisi klitari gikwiye gukoresha amasasu y'ukuri.

Asaba abo ico kibazo cega, gukurikiranwa kuva hejuru.

Avuga ati: "Twipfuza kubona ko hari abakurikiranywe, kuva ku mushikiranganji w'intwaro yo hagati, ukaja ku mukuru w'igipolisi, gushika ku bishe urya munyeshuli.

"Mu gihe vyoba vyibonekeje ko hari uwutakoze akazi nkuko bitegekanijwe, akwiye guca atanga imihoho".

Bwana Mikongoti avuga ko agateka ka zina muntu gahonyangwa cane muri kino gihe.

Avuga ko imigambwe idashobora gukora yisanzuye, ngo ntishobora gukoresha imyiyerekano canke ngo ikoreshe n'amanama yo mu nzu.

Abantu ngo baricwa hirya no hino, uravye ibiziga ngo usanga babanje guhohotegwa.

Amashirahamwe ngo ntagishobora gukora neza, co kimwe n'ibigo vy'itangazamakuru.

Image caption Amashirahamwe ya Tanzaniya asaba ihindugwa ry'ibwirizwa shingiro

Mu nama n'abamenyeshamakuru, yamenyesheje ko hari ingingo zishika 15 yasavye ubutegetsi kugira ngo agateka ka zina muntu kubahirizwe.

Imwe murizo, ayo mashirahamwe asaba ko ibwirizwa shingiro ririho ryosubirwamwo, ariko Prezida John Magufuli akaba yamenyesheje ko ico kibazo kitari muvyo ashira imbere.