David de Gea yafashije Man Utd guhagarika Séville

David de Gea amaze gukina inkino 19 atinjizwa muri rino higanwa Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption David de Gea amaze gukina inkino 19 atinjizwa muri rino higanwa

Umunyezamu David de Gea yakuyemwo igitsindo casa n'icinjiye mu gice ca mbere, aba afashije Manchester United kuva ku kibuga ca Seville idatsinzwe mu rukino rwa mbere rwa Champions League mu gice ca kane.

Uwo munyezamu aturuka mu gihugu ca Espagne, akinye inkino 19 atinjijwe uno mwaka.

Man Utd nta rukino rwiza yerekanye, ishuti ya Romelu Lukaku ikaba yaciye hejuru cane, munyuma iya Marcus Rashford nayo nyene ntiyashobora kwinjira.

Paul Pogba ntiyatanguye urukino, yinjiye inyuma y'iminota 17, bitewe nuko Ander Herrera avunitse.

Séville yarangije urukino igerageje igori rya Man Utd incuro 25, ariko De Gea akaba yarokoye vyinshi naho abakinyi b'imbere b'uwo mugwi batavyifashemwo neza.

Man Utd nibo bahejeje urukino baryohewe, mu gihe bagiye kwakira Séville ku kibuga cabo, mu rukino rwa kabiri kw'itariki 13 Ukwezi kwa gatatu.

Umugwi wa Jose Mourinho ukaba umaze gutsinda inkino 15 kuri 18, ukiniye ku kibuga ca Old Trafford.