Agashimwe Komla Dumor 2018: BBC irondera umuntu w'impano mw'itangazamakuru muri Afrika

Komla Dumor

BBC irondera uwuzovamwo umumenyeshamakuru kabuhariwe, mw'ihiganwa ry'agashimwe Komla Dumor ko mu 2018, ritunganijwe na BBC World News umwaka ugira kane.

Abamenyeshamakuru bo ku mugabane wa Afrika basabwe kwiyandikishiriza iryo higanwa, rifise intego yo guserura no kumenyekanisha abantu b'impano muri Afrika.

Uwuzotsindira ako gashimwe azomara amezi atatu ku biro bikuru vya BBC i Londres, yigishwa, aharonkere n'ubuzobere.

Kwiyandikisha bizugagwa itariki 23 Ukwezi kwa gatatu 2018 isaha 23:59 GMT.

Ako gashimwe katunganijwe mu ntumbero yo gutera agateka Komla Dumor, umunya Ghana yashikiriza ibiganiro ku buryo bw'umwihariko mu gisata ca BBC World News, yitavye Imana giturumbuka afise imyaka 41 mu 2014.

Agashimwe k'uno mwaka kugururiwe i Accra, ku mugwa mukuru wa Ghana.

Kagenewe umuntu w'umwihariko, aba akongera agakorera muri Afrika, afadikanije kuba afise ubumenyi bukomeye mw'itangazamakuru, amenya ingene avyifatamwo hagati mu makuru, afise impano z'umwihariko mu gutanga inkuru zo muri Afrika, yipfuza kandi ashobora kuba rurangiranwa muri kazoza.

Iruhande yo kugumana na BBC i Londres, uwatsindiye ako gashimwe azoja muri Afrika gukora inkuru - izosangigwa ku mugabane no kw'isi yose.

Insiguro y'isanamu,

Uwatahukanye agashimwe ko mu 2017, Amina Yuguda yakoze ikiganiro ku bidukikije igihe yari muri BBC

Abandi bagatsindiye ni Nancy Kacungira aturuka muri Uganda, Didi Akinyelure aturuka muri Nigeria na Amina Yuguda, nawe nyene aturuka muri Nigeria.

Mu gikorwa yakoreye muri Uganda, Amina yakoze ikiganiro ku ngorane zihanze ikiyaga Victoria, ikiyaga ca mbere kinini gifise amazi meza, abahinga bakavuga ko coba kiriko kirazimangana.

Amina yavuze ati: "Kuba natsindiye agashimwe kitiriwe Komla Dumor ka BBC World News mu 2017, bituma numva umengo ndatanguye umwuga wanje. Gukorera ku rwego mpuzamakungu, nkamenyekana ku rwego mpuzamakungu, ni nkuko nashitse,".

Insiguro y'isanamu,

Didi Akinyelure, yatsinze mu 2016, avuga ko igihe yamaze kuri BBC cahinduye ubuzima bwiwe

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

"Igihe nashigwa muri BBC, narize akamaro k'ukuri, akamaro k'amakuru aha ijambo bose ata guhengama, ndunguka n'ubumenyi butagira uko bungana ku kungene amakungu ashobora guhaguruka kubera ibivugwa muri Afrika.

"Biradutera iteka ingene Komla yaserukiye umugabane n'isi, numva binteye iteka mu gufasha kubandanya iragi ryiwe."

Amina azoja mu birori vyo kwugurura ihiganwa ryo mu 2018, ari kumwe na Jamie Angus, umuyobozi wa BBC World Service Group.

Ashikiriza ijambo imbere yuko ritanguzwa, yagize ati:

"Ni agateka kuba ndi hano muri Ghana, aho Komla aturuka, mu muryango n'abagenzi biwe, ngo twigine iragi ryiwe, munyuma turondere umunyafrika w'impano mw'itangazamakuru.

"Batatu baheruka kugatsindira - Nancy, Didi na Amina - baramaze kwerekana ko ari abamenyeshamakuru b'impano, bazi neza umugabane, bazi ingene batuma ababumviriza bitanga.

"Turindiriye kuronka uwundi mumenyeshamakuru w'ijunja avuye ku mugabane, tumukeze ko yatsindiye agashimwe ka BBC World News kitiriwe Komla Dumor."

  • Kugira ngo umenye ko ushobora gutorwa, fyonda hano . Ushobora gukwiragiza iryo jambo ku mbuga hwaniro ukoresheje hashtag #BBCKomlaAward.