Abasirikare bakuru bagirizwa amabi akogwa muri Sudani Yepfo

Salva Kiir avuye mu munsi mukuru w'umugmabwe SPLA mu kwa gatanu 2017

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Intwazangabo mu gisirikare c'umukuru w'igihugu Salva Kiir (i bubamfu) ziri mu zagirizwa

Abakozi ba Onu bo mu gisata co kwubahiriza agateka ka zina muntu basohoye icegeranyo baregamwo abasirikare b'intwazangabo kuba baragize uruhara mu mabi akoregwa muri Sudani Yepfo inyuma y'itohoza bakoze.

Ivyaha bakurikiranwako ngo biri mu mugwi w'ivyaha vy'ingwano, hamwe n'ibikoregwa kiremwa muntu.

Uwo mugwi uvuga ko ufise ivyemezo ku bana bategetswe kuraba ingene ba nyina basambanywa ku nguvu n'ingene bicwa.

Ico cegeranyo kivuga no ku basivile bahohotewe, n'ibigwati vyasambuwe.

Abakoze iryo tohoza bavuga ko bafise ivyemezo ko abasirikare 40 b'ipete ryo hejuru barimwo abakoloneli 5, bakwiye kwegekwako umwumwe ayo mabi.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abagore n'abana bamaze gukora imyiyerekano kenshi basaba ngo ingwano irangire

Ingwano yarabandanije muri Sudani Yepfo naho hapfunditswe amasezerano yo kugarukana amahoro mu 2015.

Ico cegeranyo kizoshikirizwa akanama ka Onu kajejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu mu ndwi iza.