Amerika igiye kwugurura ambasade i Yeruzalemu

Amadarapo ya Israeli na Amerika areremba i Yeruzalemu mu kwezi kwa 12 mu 2017

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Amadarapo ya Israeli na Amerika areremba i Yeruzalemu mu kwezi kwa 12 mu 2017

Ubutegetsi bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika bwavuze ko bugiye kwugurura ambasade nshasha mu gisagara ca Yeruzalemu mu kwezi kwa gatanu.

Iyugurura ry'iyo ambasade rizohurirana na Israeli yigina imyaka 70, niko itangazo rivuga.

Iro tangazo ryibukije umugambi Prezida Trump yashikirije mu kwezi kwa 12 kwo mu mwaka uheze.

Umutegetsi akomeye wa Palestine, Saeb Erekat, yavyitse agasomborotso gakozwe ku mugaragaro.

Ku munsi wa gatanu, umushikiranganji wa mbere wa Israeli, Benjamin Netanyahu yarakeje iyo ambasade igiye kwugurugwa avuga ko "uzoba ari umunsi mukuru ku banyagihugu ba Israeli".

Ingingo ya Donald Trump yo kwemera ko Yeruzalemu iba umugwa mukuru wa Israeli, munyuma ambasade y'i Tel Aviv igakugwa aho izindi ambasade ziri, vyarashavuje abanye Palestine.

Ivyashikirijwe bitumye Amerika itagifatwa nk'iyiri hagati ku kibazo ca Israeli na Palestine, ikaba yitandukanije n'amakungu kw'ico kibazo.

Igisagara ca Yeruzalemu kiri mu mpari ziri hagati y'ivyo bihugu.

Israeli ifata Yeruzalemu nk'umugwa mukuru wayo, uzokwamaho kandi utazigera ugabugwa, mu gihe Palestine ifata ubuseruko bwa Yeruzalemu nk'umugwa mukuru w'igihugu kigiye kuvuka.