Abakozi 21 ba ICRC bavuye mu kazi kubera inyifato ishingiye ku gitsina

ICRC yakoze amatohoza inyuma yaho amwe mu mashirahamwe y'abagiraneza aregewe inyifato mbi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

ICRC yakoze amatohoza inyuma yaho amwe mu mashirahamwe y'abagiraneza aregewe inyifato mbi

Umugwi mpuzamakungu w'umusalaba utukura "International Committee of the Red Cross" (ICRC) uvuga ko abakozi bawo 21 bahevye akazi kubera inyifato mbi ishingiye ku gitsina mu myaka itatu irangiye.

Umuyobozi mukuru wawo, Yves Daccord, yavuze ko abo bakozi vyibonekeje ko batanga amahera mu mibonano mpuzabitsina.

Bamaze gufatwa baratanze imihoho, abandi barirukanwa.

Bwana Daccord yongeye avuga ko wari umunsi ugoye ariko uhambaye.

Ayo majambo ashikirijwe, mu gihe igisata c'abagiraneza kimaze iminsi cidogegwa ku bijanye n'inyifato mbi y'abakozi ishingiye ku gitsina.

Bwana Daccord avuga ko ivyegeranyo bimaze iminsi bivugwa, arivyo vyatumye ikigo arongoye gutanguza amatohoza ku bakozi baco.

Mu 2006 ikigo arongoye carasohoye itegeko ryihanikiza inyifato ishingiye ku gitsina.

"Nasavye abakozi banje gusuzuma amakuru dufise ku bijanye n'ingeso y'ubusambanyi, nkaba nobabwira ko kuva mu 2015 twasanze abakozi 21 aribo birukanywe canke batanze imihoho mu matohoza yakozwe," niko Bwana Daccord yavuze.

"Ino nyifato isa n'uguhemukira abanyagihugu n'imiryango dusabwa gukorera," niko Bwana Daccord yavuze.

"Biteye kubiri n'agateka ka muntu, twategerezwa kurikanura ngo ntibibe."

Iyo ngeso y'ubusambanyi iherutse kwibonekeza no mw'ishirahamwe Oxfam ryo mu Bwongereza.

Ubutegetsi bwa Haiti bukaba buherutse kurihagarika gukorera mu gihugu cabwo, buvuga ko bwatanguje itohoza kuvyo abakozi bayo boba barakoze mw'ico gihugu mu 2010.