Amerika ngo igiye yakomeza ibihano kuri Korea ya Ruguru

Trump avuga ko ibihano yashize kuri Korea ya Ruguru bitari bwaboneke

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Trump avuga ko ibihano yashize kuri Korea ya Ruguru bitari bwaboneke

Amerika yateguriye Korea ya Ruguru ibihano bishasha vyinshi, Prezida Donald Trump avuga ko itari bwigere ibona.

Izo ngingo zifata amato arenga 50 hamwe n'amashirahamwe atwara abantu n'ibintu mu mazi yo muri Korea ya Ruguru, ariko kandi n'Ubushinwa na Taiwan.

Korea ya Ruguru isanzwe yarafatiwe ibihano n'amakungu kubera umugambi wayo wa "nucléaire" n'ukugerageza ibigwanisho vyo mu bwoko bwa "missile".

Ico gihugu carabandanije kugerageza ibigwanisho mu mwaka uheze, birimwo ivyo mu bwoko bwa "nucléaire" hamwe n'ama "missiles" ashobora gushika ku butaka bwa Amerika.

Amerika ivuga kw'ivyo bihano bishasha bizotuma ubutunzi bwa Korea ya Ruguru bumanuka, mu gihe ivyayizanira amahera bizoba vyahagaze, ikongera ikabura ibitoro ku mugambi wayo wa "nucléaire".

Ubushikiranganji bw'ikigega ca leta ku rutonde bwasohoye havugwamwo umuntu umwe hamwe n'amashirahamwe 27.

Amashirahamwe 16 yo gutwara imizigo ari muri Korea ya Ruguru ariko atanu yanditswe muri Hong Kong, abiri nayo mu Bushinwa, abiri muri Taiwan, rimwe niryo muri Panama, rindi rimwe muri Singapour.

Amato 28 niyo ari kuri urwo rutonde, menshi akaba ari ayo muri Korea ya Ruguru, abiri akaba arayo muri Panama, bumwe n'ubwo muri Comores, ubundi n'ubwo muri Tanzaniya.

Avugira mu nama n'abamenyeshamakuru, Prezida Trump yagabishije ko hashobora kuba ingaruka mbi igihe bino bihano bishasha ataco vyoba bivyaye.

"Bino bihano ni vyabura ico bivyara, tuzoja ku mugambi wa kabiri kandi uzoba ukomeye cane kandi ntuzoshimisha isi," niko yavuze.

"Ni igihugu ataco citaho. Ni twashobora kwumvikana bizoba ari vyiza cane, bidashobotse naho, hari ikizoba."

Ntiyavuze ingene uwo mugambi wa kabiri uteguye.