Abantu 29 bapfuye mu bitero vy'amabombe i Mogadishu

Ambilanse itwara abaguye muri ivyo bitero
Image caption Ambilanse itwara abaguye muri ivyo bitero

Abantu 29 nibo bavugwa ko baguye mu bitero bibiri vy'amabombe vyagabwe ku munsi wa gatanu, i Mogadishu mu gihugu ca Somalia.

Mu makuru ava mu bitaro yashikiriye BBC, bivugwa ko hari abantu benshi bakomerekeye muri ivyo bitero.

Umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu, Al Shabab wiyemereye ko wagavye ivyo bitero, hafi y'ingoro y'umukuru w'igihugu n'ikigo c'iperereza c'igihugu.

Ku munsi wa kane umwe mu bashikiranganji, yari yabuye ko hari igitero kigiye kuba hakoreshejwe imodoka yatezwemwo ibombe.

Abamenyeshamakuru bavuga ko leta yoba yaburiwe n'umunyagihugu.

Ivyo bisasu bituritse haheze iminsi hagenywe abakuru bashasha b'igipolisi, iperereza n'igisirikare.