Igipolisi ca Afrika Yepfo cishe abantu 7 mu buseruko bwa Cap

Igitero co ku wa gatatu ku biro vy'igipolisi vyatumye gitangura guhiga izo nkozizikibi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Igitero co ku wa gatatu ku biro vy'igipolisi vyatumye gitangura guhiga izo nkozizikibi

Ubutegetsi bwa Africa Yepfo bwavuze ko igipolisi carashe cica abantu indwi, gihangana n'inkozizikibi kw'isengero ryo mu buseruko bwa Cap.

Kivuga ko abapfuye bari binyegeje mw'isengero, inyuma yaho bagabiye igitero ku biro vy'igipolisi ku munsi wa gatatu, bakica abapolisi batanu hamwe n'umusirikare.

Mu bikekwa, abantu cumi barafashwe ariko abandi barahunga.

Ubutegetsi buvuga ko butaramenya icatumye ubwo bugizi bwa nabi bukogwa, naho ababukoze bagiye bivye inkoho.

Abapolisi baharugwa mu mirongo baricwa ku mwaka, ivyabaye ku munsi wa gatatu bikaba vyarababaje umukuru w'igihugu Cyril Ramaphosa, yategetse ko ababikoze bofatwa.