Onu yemeje ingingo yo guhagarika ingwano muri Syria

Abagize akanama ka Onu kajejwe umutekano batora ingingo yo guhagarika ingwano muri Syria

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Abagize akanama ka Onu kajejwe umutekano batora ingingo yo guhagarika ingwano muri Syria

Akanama ka Onu kajejwe umutekano kemeje ata numwe avuyemwo ingingo yo guhagarika ingwano ku kiringo c'iminsi 30 muri Syria ngo abanyagihugu bashobore gufashwa no kuvugwa.

Naho biri uko imwe mu migwi y'inyeshamba z'aba jihadistes n'abo bakorana ntibarabwa nako gahengwe, ivyo bigatera amakenga ku kungene iyo ngingo izokwubahirizwa.

Ubuseruko bwa Ghouta buri mu minwe y'inyeshamba hafi ya Damas, bumaze indwi yose busukwamwo ibibombe n'ingabo za leta.

Inyuma yaho iyo ngingo yemejwe i New York, abaharanira agateka bavuga ko ibitero bibandanya.

Ayo matora yaracerewe kenshi, ashigwako umukono ku munsi wa kane, mu gihe abagize akanama baguma barondera gushika ku masezerano bose bahurizako.

Uburusiya bwipfuza ko hagira ibihindugwa, ariko abaserukira ibihugu vya Buraya bo bakabona busa n'ubukina ku mwanya.

Abantu bashika 500 bavugwa ko aribo bamaze kwicwa n'inteko za leta mu karere ka Ghouta kuva ku munsi wa Mungu urangiye, mu gihe inkoho z'inyeshamba ngo zimaze guhitana abasivile 16.

Ayo masezerano ntaraba imigwi ya leta y'iki Islamu "Islamic State" (IS), al-Qaeda na Nusra.

Uwuserukira Amerika muri Onu, Nikki Haley, yasavye ko guhagarika ingwano vyoca bitangugwa ubwo nyene, ariko avuga ko afise amakenga ko Syria itashoka ibishira mu ngiro.

Yagirije Uburusiya kwikwega mu biganiro.

Yagize ati: "Dushitse kuri ano masezerano mu minsi itatu, n'abavyeyi bangana iki babuze abana mu bitero vy'amabombe?"