Abaregwa gutuka umukuru w'igihugu muri Tanzania bapfunzwe

Prezida wa Tanzania, John Magufuli Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hari umwitwarariko muri Tanzania kubera kutihanganira abanenga ubutegetsi

Abantu babiri batavuga rumwe na leta ya Tanzania bakatiwe gupfungwa amezi atanu umwe umwe, bagiriwe n'icaha co gutuka umukuru w'igihugu John Magufuli.

Joseph Mbilinyi na Emmanuel Masonga bagirijwe gukoresha imvugo irimwo gutuka umukuru w'igihugu bwana Magufuli, mu bikorane baremesheje mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Umwitwarariko utanguye kwiyongera muri Tanzania kubera kutihanganira ababona ibintu mu buryo budasa n'ubw'abari ku butegetsi.

Mu ndwi iheze, abaserukiye ibihugu vya Buraya bavuze ko ibiriko biraba muri iki gihe muri Tanzania bibangamiye inkingi za demokrasi.

Abatavuga rumwe na leta bavuga ko hari abantu bishwe muri iyo minsi iheze bahowe imvo za politike.

Soma kandi: