Prezida wa Afuganistani yoba yemeye ibiganiro n'abatalibani

Ashraf Ghani mu kiganiro n'abamenyeshamakuru haraheze igihe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ashraf Ghani mu kiganiro n'abamenyeshamakuru haraheze igihe

Prezida w'igihugu ca Afuganistani, Ashraf Ghani yemeye ko ashobora kugirana ibiganiro vy'amahoro n'umugwi w'abatalibani.

Mu nama y'ibihugu 25 n'amashirahamwe ari muco bise "Kabul Process", Bwana Ghani yasavye ko ingwano yohagarikwa, abapfunzwe bakarekugwa.

Yavuze ko ashobora kwemera ko umugwi w'abatalibani wemegwa n'amategeko kandi ukaba uwa politike, mu mugambi wo kurondera kurangiza indyane zimaze imyaka irenga 16 muri Afuganistani.

Bwana Ghani avuga ko yiteguye kwemera kw'ibwirizwa shingiro risubirwamwo.

Ibindi bisa n’ibi