Abashika 500 bashobora kuba bahitanywe n'ubwato muri Kongo

Amato yunguruza abantu n'ibintu ku ruzi Kongo mu 2014 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amato yunguruza abantu n'ibintu ku ruzi Kongo asanzwe atizerwa ku mutekano wayo

Amato arimwo abantu ku ruzi Kongo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika Iharanira Demokra ya Kongo bwaratwawe ku munsi wa kabiri mw'ijoro.

Umunyapolitike wo muri ako karere yavuze ko hari abantu bashika 500 boba babuzwe irengero.

Nkuko amakuru ava muri leta avuga, niburiburi abantu 14 babuzwe irengero, abandi 108 bararokoka igihe amato yariko arasoza yibira mu ntara ya Mai Ndombe ku munsi wa kabiri mw'ijoro.

Amato atatu arimwo abantu baharugwa mu majana yaratwawe hafi y'igisagara ca Kwamouth, hafi ibirometero 400 uvuye ku mugwa mukuru Kinshasa, biturutse ku gicu kibi.

Didace Pembe, umunyapolitike wo muri ako karere yavuze ko abantu baharugwa mu majana bakibuze, ko hakenewe aboja gufasha.

"Ndakanguriye ubutegetsi kurondera abaza gufasha ku bagihema, bashobore kuvugwa. Dutegerezwa kurondera abantu babuzwe irengero, kuko ni ikibazo gikomeye."

Nta gisata kigenzura amato yiyunguruza aca ku nzuzi mu gihugu ca Kongo.

Mu ntara ya Mai Ndombe, aho amabarabara atameze neza, inzira yo mu mazi niyo ikunze gukoreshwa.

Rimwe na rimwe urasanga amato afise urutonde rw'abantu atwaye ariko nta muntu yigera agenzura ibijanye n'ibiro ubwato buba bukwiye gutwara.