Umutama w'Umufaransa yemeza ko yafashe abagore 40 ku nguvu

Igipolisi cafashe uwo mugabo kimaze kubona imodoka yarimwo ku buryo bwa CCTV

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Igipolisi cafashe uwo mugabo kimaze kubona imodoka yarimwo ku buryo bwa CCTV

Umufaransa afise abuzukuru yemeye ko yafashe ku nguvu abagore 40 mu Bufaransa no mu Bubiligi, niko ubutegetsi bwavuze.

Uwo mugabo yubatse w'imyaka 57 izina ryiwe ritagaragajwe, yafashwe n'igipolisi kubera imodoka yagendesha, ariko ararondegwa yafashe umugore akiri muto ku nguvu mu Bubiligi.

Ibimenyetso vya DNA bijanye n'ibindi vyafashwe ku bagore bandi 19 bafashwe ku nguvu.

Ivyabaye vyatunguye abantu benshi mu gisagara ca Pont-sur-Sambre kiri mu buraruko, aho umukuru w'igisagara yavuze ko yari umugabo akundwa.

Uwo mugabo afise abana batatu akora akazi ko kugenzura inyubakwa, imbere yaho akaba yarafise umugwi w'umupira w'amaguru, nkuko ibinyamakuru vy'Ubufaransa bivuga, bikavuga ko azwi ku mazina ya Dino Scala.

Uwo mugabo yataziwe - "the rapist of Sambre" (umugabo wo muri Sambre afata abagore ku nguvu) - avugwa ko ari mu bantu karuhariwe bafata abagore ku nguvu mu myka mirongo irangiye.

Ngo afata abagore abaturutse inyuma mu gitondo hakiri kare, yambaye ama gants anyegeza ibiganza, yinyegeje no mu maso, niko umushingwamanza Jean-Philippe Vicentini yavuze.

Uwo mugabo yabwiye igipolisi ko vyanse ko yihangana, niko Bwana Vicentini yabandanije avuga.

Itohoza ku bitero vyatanguye mu 1988 ryatanguye mu 1996.

Umwe mu bakorewe ayo mabi afise imyaka 13, abandi benshi bafise imyaka 17, niko igipolisi cabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP.