Merkel ategekanya leta nshasha inyuma y'ukwiyunga n'aba Social Democrats

Angela Merkel ari ku butegetsi bw'Ubudagi ku kiringo ca kane Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Angela Merkel ari ku butegetsi bw'Ubudagi ku kiringo ca kane

Uwurongoye leta y'Ubudagi Angela Merkel ategekanya gushinga leta ya kane, inyuma yaho umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi w'aba Social Democrats wemeye kugabangana ubutegetsi.

Amatora yakozwe n'abantu 464000 bo ku nzego zo hasi arangije uruhagarara rwa politike rumaze amezi atanu, kuva igihe c'amatora yo mu kwezi kw'icenda.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ibikorwa vyo guharura amajwi vyageze mw'ijoro ku biro bikuru vya SPD i Berlin

Umugambwe w'aba Social Democrats (SPD) wari wiciyemwo imice ibiri, uw'abawurongoye bipfuza kwinjira muri leta, n'urwaruka rutipfuza gusangira ubutegetsi.

Madamu Merkel amaze imyaka 12 ku butegetsi, yashimiye umugambwe SPD.

Kuri Twitter y'umugambwe yavuze ko "arindiriye gukorana nabo ku neza y'igihugu".

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abayoboke ba SPD bakomye amashi igihe hatangajwe ivyavuye mu matora

Abashigikiye kuguma mu butegetsi muri SPD, bavyemeje ku majwi 66%.

Uwurongoye vy'agateganyo SPD, Olaf Scholz yagize ati: "Ubu biragiye ahabona. SPD igiye kuja muri leta ikurikira".

Umuyoboke mukuru mu mugambwe w'aba Christian Democrats, Volker Bouffier, yise ivyapfunditswe "umunsi mwiza ku banyagihugu mu gihugu cacu, no kuri kazoza k'Ubudagi".

Ibindi bisa n’ibi