Burundi: Prezida Nkurunziza "Imboneza Yamaho" ya CNDD/FDD

Prezida Pierre Nkurunziza agiye kurongora umugambwe CNDD/FDD ubuzima bwiwe bwose
Image caption Prezida Pierre Nkurunziza agiye kurongora umugambwe CNDD/FDD ubuzima bwiwe bwose

Abagumyabanga bagize Komite Nkuru y'Umugambwe CNDD-FDD bemeje ko Prezida Pierre Nkurunziza w'u Burundi ari "Imboneza Yamaho" y'uwo mugambwe.

Ku mbuga yiwe ya Facebook, uwujejwe guhererekana amakuru mu mugambwe CNDD-FDD, Nancy Ninette Mutoni yavuze ko muri iyo nama yabereye i Ngozi ku magenekerezo ya 9 na 10 Ukwezi kwa gatatu, ko hafatiwemwo "ingingo zikomeye kandi zibereye zizotuma bashika kw'ihangiro ryo guteza imbere Uburundi".

Izo nazo ngo zijanye no "gukomeza inama nshingiro, gukurikirana ibikorwa n'inyifato vy'abagumyabanga n'indongozi, gushira mu ngiro imigabo n'imigambi y'Umugambwe CNDD-FDD", niko Nancy Ninette Mutoni yanditse avuga.

Umunyamabanga mukuru wa CNDD/FDD yavuze ko Prezida Pierre Nkurunziza agenywe abikwiye kandi ko ata muntu numwe akwiye gukura aho ashize, niko Evariste Ndayishimiye yavuze.

"Ni indongozi yacu. Kurivyo mu mugambwe wacu nta numwe twomugereranya," niko Bwana Ndayishimiye.

Abatamuha ni rwere bavuze ko Bwana Nkurunziza w'imyaka 54, agiye gufatwa nk'"Imana".

Jérémie Minani arongoye umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi yabwiye iradiyo ikorera hanze ati: "Prezida Pierre Nkurunziza yiyise indongozi y'umugambwe uri ku butegetsi, ni intango y'umugambi wo gushika kuvyo yipfuza, bimworohere kwikiza uwo wese yoba amubangamiye ata ngorane."

Agenywe ukwo mu gihe igihugu kiriko kiratunganya amatora kamarampaka y'ibwirizwa shingiro, igihe ryoba ryemejwe agashobora kurongora igihugu gushika mu 2034. T

Prezida Pierre Nkurunziza arongoye igihugu c'u Burundi kuva mu 2005, ikiringo ca gatatu yasubiye kwitozamwo agatsinda mu 2015 catumye igihugu cinjira mu ndyane za politike, abantu benshi barapfa, abandi ibihumbi amajana bahungira inyuma y'igihugu.