Ubwongereza n'Uburusiya birahanganye mu migenderanire

Theresa May, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Theresa May yagiriza Uburusiya gushaka kugandagurira ku butaka bw'Ubwongereza uwari umusumyi w'urusaku

Ubwongereza bugiye kwirukana abaserukiye Uburusiya 23, ni kuvuga ica gatatu c'abari muri ico gihugu bo ku rwego rwo hejuru, ariko Uburusiya nabwo ngo buraza kugira ibisa n'uko nyene.

Iyo ngingo y'Ubwongereza yatangarijwe mu nama nshingamateka n'umushikiranganji wa mbere Theresa May.

Ni mu ntumbero yo gusubiza ku gitero c'uburozi bw'ubumara co mu ndwi iheze, ku wahoze ari umusumyi w'urusaku mu muji wa Salisbury.

Madamu May yagiriza leta y'Uburusiya kuba yaragerageje kugandagura Sergei Skripa hamwe n'umukobwa wiwe, Yulia.

Yavuze ko abagiye kwirukanwa ari abakorera iperereza baba batanditswe, anavuga ko hazofatwa ibihano ku bo yise Abarusiya bakomeye barya igiturire.

Yongeyeko yuko ubutumire bwo kugendera Ubwongereza bw'umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Ubusiya, Sergei Lavrov, bukuweko.

Uburusiya ntibwareze amaboko

Bicishijwe mu rwandiko, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw'Uburusiya bwavuze ko Ubwongereza bwahisemwo guhangana aho kuganira, bunagiriza leta y'Ubwongereza kuba yunyuye ibintu mu migenderanire ku mvo zitagaragara.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ubutumire bwa Sergei Lavrov mu Bwongereza bwafuswe

Incuti z'Ubwongereza zabushigikiye, umushikiranganji mushasha ajejwe imigenderanire w'Ubudage, Heiko Maas, yavuze ko ata gukekeranya ko igitero kuri Sergei Skripal kidashobora kwijana ata ngaruka.

Yanavuze ko bibabaje kubona Uburusiya budashaka gufasha ngo iki kibazo gikemuke.

Ishirahamwe ry'abivunira umwansi hamwe, OTAN, ryavuze ko ikoreshwa ry'ubwo burozi bw'ubumara ari uguhonyanga amasezerano mpuzamakungu.

Ibindi bisa n’ibi