Ingwano ikomeye muri Syria yatumye abantu bahunga ari benshi

Abasivile bahunze akarere ka Ghouta baca mu canzo baciriwe n'inteko za leta Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasivile bahunze akarere ka Ghouta baca mu canzo baciriwe n'inteko za leta

Abantu bashika 50000 baramaze guhunga kubera ingwano ikomejwe n'ibitero bitandukanye ku nyeshamba mu buraruko no mu bumanuko bwa Syria muri ino minsi ya vuba, niko abaharanira amateka bavuga.

Abashika 30000 bahunze bava mu gisagara ca Afrin kiri mu buraruko igihe inteko za Turukiya n'abo zicuditse zitereye.

Ibibombe vya Turukiya vyishe abantu 18 ku munsi wa gatanu, niko abaharanira amateka n'abasirikare bavuze, iyo ngwano ngo ikaba yazananye mu bwinjiriro bw'igisagara.

Mu ntara ya Ghouta iri mu buseruko inyuma ya Damas, abantu 20000 nibo bahunze uturere turiko turagabwamwo ibitero n'abasirikare ba leta.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abanyagihugu batanguye guhunga ku munsi wa kane

Iyo ngwano imaze imyaka indwi itanguye, imaze gutuma abantu imiliyoni 12 bata ingo zabo, imiliyoni zitandatu bakaba bahungiye mu gihugu hagati, abandi imiliyoni 5.6 baja hanze y'igihugu.

Bivugwa ko abantu barenga 400000 bishwe, abandi babugwa irengero kuva igihe imigumuko igwanya Prezida Bashar al-Assad itanguriye mu kwezi kwa gatatu mu 2011.

Ibindi bisa n’ibi