Zuma yagirijwe ibiturire inyuma yo kuva ku butegetsi

Jacob Zuma yagirizwa ibiturire, amanyanga no kunyegeza amahera yibwe mu matungo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Jacob Zuma yagirizwa ibiturire, amanyanga no kunyegeza amahera yibwe mu matungo

Uwahora ari umukuru w'igihugu ca Afrika Yepfo Jacob Zuma, agiye gukurikiranwa ku mitahe 16 y'ibiturire, nkuko umushingwamanza mukuru Shaun Abrahams yabimenyesheje.

Bwana Abrahams yavuze ko yemera ko hari ivyagiriji vyumvikana, vyotuma akurikiranwa.

Ivyo yagirizwa - Zuma we ahakana - birimwo imitahe y'ubusuma n'amanyanga hamwe n'iyijanye no kunyegeza amahera yibwe mu bintu.

Bwana Zuma, afise imyaka 75, yategetswe n'umugambwe wiwe "African National Congress" (ANC) gutanga imihoho mu kwezi guheze.

Yakuweko icizere incuro icenda, imbere yuko ava mu mabanga.

Ivyo akurikiranwako bijanye n'amahera ya leta imiliyardi 30 z'ama rand (imiliyardi $2.5) yatanzwe mu masezerano yo kugura ibigwanisho mu 1990, imbere yuko aba prezida.

Bwana Zuma yamye ahakana ko ata mahera yigeze ahabwa n'abarondera iryo soko y'ibigwanisho.

Ubushingwamanza bwamwegetseko n'ikindi caha c'ibiturire, gifitaniye isano n'umuryango ukomeye cane w'abagwizatunga, w'aba Gupta.