Sarkozy ngo ari mu "muriro udahera" kubera ivyaregwa kuri Libiya

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Nicolas Sarkozy yafotowe avuye muhira iwe. Avuga ko ata kibi yiyagiriza.

Uwahora arongoye igihugu c'Ubufaransa Nicolas Sarkozy yavuze ko ivyo aregwa ko yahawe amahera yo kwiyamamaza n'umuhisi Muammar Kadhafi yahora atwara Libiya, ko bitumye ubuzima bwiwe busa n'"umuriro udahera".

"Nagirizwa ata cemezo kigaragara kiriho," niko Bwana Sarkozy yabwiye abashingwamanza mu gihe akogwako itohoza, niko ikinyamakuru Le Figaro cavuze.

Ariko akogwako itohoza ku bivugwa ko yahawe amahera yo kwiyamamaza mu 2007 bidaciye mu mategeko, ugutwara amahera y'ikigega ca Libiya n'ibiturire.

Bwana Sarkozy, w'imyaka 63, avuga ko ata caha yiyagiriza.

Uwo munyapolitike yarekuwe ku munsi wa Gatatu amaze iminsi ibiri asambishwa, avuga ko abanya Libiya bamukurikirana boba bashaka kwihora ku ngingo yafashe yo kugomora indege z'ingwano zafashije gukura Kadhafi mu 2011.

Umwe mu bari mu bashikiranganji ba Sarkozy kandi bacuditse, Brice Hortefeux, nawe nyene yarasambishijwe n'igipolisi ku munsi wa Kabiri.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Bwana Sarkozy yaragiranye amasezerano menshi y'ubudandaji na Kadhafi mu 2007 igihe yari Prezida.

Mu 2013, Ubufaransa bwaratanguje itohoza ku birego bivuga kw'iyamamaza rya Bwana Sarkozy ryakoresheje imiliyoni z'ama euros zitanzwe na Kadhafi bidaciye mu mategeko.

Vyaranse ko agaruka ku butegetsi mu 2012, atsindwa na François Hollande.

Ivyuko yahawe amahera na Kadhafi vyaturutse ku mugwizatunga w'umufaransa afise amamuko ya Libani, Ziad Takieddine, hamwe na bamwe mu bakoranye na Kadhafi.

Ibindi bisa n’ibi