Umucamanza muri Kenya yaciye amande abategetsi 3 bakomeye

Miguna Miguna, umunyepolitike atavuga rumwe na leta ya Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu YASUYOSHI CHIBA
Image caption Miguna Miguna nyuma yo kwankirwa kwinjira muri Kenya, avuga ko yakubiswe agashirwa mu ndege ija Dubai ku nguvu

Umucamanza wa sentare nkuru ya Kenya yaciye amande ashika ku $2000 kuri umwe umwe wese mu bategetsi batatu batubahirije ingingo yo kurekura Miguna Miguna.

Uwo mucamanza yavuze ko ayo mahera azova ku mishahara y'abo bategetsi.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati, umukuru w'igipolisi hamwe n'umukuru w'ibiro bijejwe abinjira n'abasohoka, bahamwe n'icaha co kwiyumanganya itegeko ryo kurekura Miguna Miguna, umunyepolitike atavuga urmwe na leta.

Abaregwa ntibigeze bitaba sentare naho yari yabahamagaje inshuro nyinshi ibasaba kuyitaba.

Bwana Miguna yarahohotewe akatari gake n'abajejwe intwaro, akavuga ko yakubiswe hamwe no gukurutwa hasi ku kibuga c'indege i Nairobi, ategekwa kwinjira mu ndege ija Dubai.

Ibindi bisa n’ibi