Umugabo yanduye indwara ya Gonorrhea idasanzwe

Man Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Hari umugabo mu gihugu c'u Bwongereza yafashwe n'indwara ya Gonorrhoe isa n'iyananiye abahinga.

Yari asanzwe afise uwo barangura hamwe amabanga y'abubatse mu Bwongereza, yamara yanduye umugera udasanzwe amaze guhuza igitsina n'umukobwa ava mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Aziya.

Ikigo ca leta kijejwe amagara mu Bwongereza kimenyesha ko ari ubwa mbere habonetse agakoko gatera iyo ndwara kananiye imiti iri mu bwoko buzwi nka "antibiotic".

Abajejwe amagara y'abantu bariko baratohoza ko atawundi yoba ataramenyekana yoba yarahuje igitsina n'uwo mugabo, yonashobora gukwiragiza uwo mugera.

Uwo mugabo yanduye uwo mugera mu ntango z'uyu mwaka wa 2018.

Abaganga bamuvangiye imiti yitwa "azithromycin" na "ceftriaxone" yo mu bwoko bwa "antibiotic", naho yananiwe kugira ico imumariye.

Muganga Gwenda Hughes, wo mu rwego rw'amagara y'abantu mu Bwongereza yavuze ati: "Ni ubwa mbere tubonye umugera ukomeye nk'uyu, unanira iyi miti isanzwe ikoreshwa kuvura, ata ngorane, iyi ndwara."

Amakuru yahanahanywe hagati y'ikigo mpuza makungu kijejwe amagara kw'isi (WHO) n'ikigo c'abanyabulaya kigenzura indwara (ECDC), aremeza ko uyu mugera w'iyi ndwara udasanzwe.


Indwara ya Gonorrhea ni iki?

Uwufise ububasha kw’isanamu CAVALLINI JAMES/SCIENCE PHOTO LIBRARY

Iyi ndwara ifatira mu bihimba vy'irondoka iterwa n'umugera witwa 'Neisseria gonorrhoeae'.

Iyi ndwara kandi ishobora guca mu guhuza ibitsina ata gakingirizo, igashobora no guca mu kanwa. Abandi bakarirwa ni abahuza ibitsina babisangiye.

Muri uko kwandukirwa, ibimenyetso vy'iyo ndwara biragora kubona ku rugero rw'umugabo umwe kuri 10, n'abagore barenga batatu kuri bane, co kimwe n'abagabo bahuza ibitsina n'abandi bagabo.

Mugabo ibimenyetso birashobora guserukira mu ruziri rusa n'urwatsi rutoto canke n'umuhondo, rushobora kugaragara mu bihimba vy'irondoka, canke umuntu akababara iyo ari ku mwanda muto, ndetse n'amaraso akaboneka.

Ingaruka ku murwayi ativuje habamwo nk'ubugumba, ukubabara kw'imitsi itandukanye iri mu bihimba vy'irondoka, ndetse ukanandukiza umwana iyo uri umukenyezi yibungenze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Iyi ndwara kandi ishobora guca mu guhuza ibitsina ata gakingirizo

Ivyigwa birabandanya

Ivyigwa bibandanya kui uyo mugabo yanduye bitegekanya ko hakoreshwa ubundi bwoko bw'umuti wofasha gusumba. Abaganga bihaye ikiringo c'ukwezi bizera ko hari akarusho aronka.

Gushika ubu, nta wundi muntu afise ibimenyetso vy'iyo ndwara araboneka - ndetse n'uwo Mwongerezakazi basanzwe bahuza ibitsina, mu gihe amatohoza abandanya.

Muganga Hughes anavuga ati: "Uyu murwayi turiko turamukurikirana gushika akize neza, tunagabanye n'icotuma yanduza abandi dukoresheje ubuhinga n'imiti yose ishoboka."

Abaganga baragabisha bibutsa ko umurwayi nk'uyo yabonetse mu mwaka wa 2015 mu bwongereza, mu karere ka Leeds.

Igiteye ubwoba n'uko ako gakoko gatera iyo ndwara gashobora kubandanya karwanya umuti wo mu bwoko bwa 'antibiotic'.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ibimenyetso uwo murwayi afise ntivyari bwabonyeke

Ibindi bisa n'ibi:

Muganga Olwen Williams, arongoye ishirahamwe ry'abongereza ryitaho amagara afatiye kw'irondoka hamwe n'umugera wa SIDA avuga ati: "Birihuta cane gutohoza no gukurikiranira hagufi ubu bwoko budasanzwe bw'iyi ndwara ya gonorrhoea, itarananirana.

"Turarajwe ishinga n'ingorane zishobora kugwirirana, ubona ko n'amafaranga ategekanirijwe igisata c'amagara y'abantu yagabanijwe.''