Abacukuzi b'inzahabu bagereye mw'itongo rya Grace Mugabe

Grace Mugabe yaronse iryo tongo igihe umugabo wiwe yari ku butegetsi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Grace Mugabe yaronse iryo tongo igihe umugabo wiwe yari ku butegetsi

Abacukuzi b'inzahabu bakora ku buryo butemewe n'amategeko kandi ata ruhusha, bagereye mw'itongo ry'uwahora ari umukenyezi wa mbere muri Zimbabwe, Grace Mugabe barondera inzahabu.

Abamenyeshamakuru b'ikinyamakuru Newsday babasanze barandura ibiti vy'indimu, bimba munyuma bapakira ubutaka bw'inzahabu mu makamyo.

Inyuma yaho ageragereje kuvugana nabo bikaba impfagusa ku munsi wa Kane, Madamu Mugabe yaciye abitwarira mu gipolisi.

Iryo tongo riri ahitwa Mazowe, yarikuyemwo abanyagihugu ku nguvu mu 2015 - igihe umugabo wiwe yarakiri ku butegetsi.

Mu vyo yashikirije igipolisi vyashizwe ku mbuga ya New Zimbabwe, Madamu Mugabe yavuze ko yariko aratembera muri iryo tongo igihe asanze abagabo 400 bariko barimba barondera inzahabu.

Igihe avuganiye nabo muri iryo tongo riri ku birometero 40 mu buraruko bwa Harare, ngo baciye batangura kumubwira amajambo y'ibiterasoni, babandanya imirimo barimwo itemewe n'amategeko.

Umwe muri abo bantu ngo yamubwiye ati:

"Ntabubasha ugifise bwo kudukura hano. Hari ubutegetsi bushasha, dukora ico tugomvye".

Mu mwaka uheze Madamu Mugabe yarakoze ukwo ashoboye, ngo arabe ko yosubirira umugabo ku burongozi bwa Zimbabwe.

Abo mu mugambwe uri ku butegetsi ntibabishigikiye, baca bakura Robert Mugabe ku butegetsi mu kwezi kwa 11, aca asubirigwa n'uwo bakoranye imyaka myinshi Emmerson Mnangagwa.

Ibindi bisa n’ibi