Uruhagarara ni rwose ku rubibe rwa Isiraheli na Palestine

Uwakomerekeye mu myiyerekano uno munsi itariki 30/03/2018, ajanywe kwa muganga Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Imyiyerekano y'Abanyepalestine irakomeye mu karere k'urubibe ka Gaza

Amakuru avuga ko hari uruhagarara rudasanzwe mu kibanza c'urubibe mu gace ka Gaza, ahantu Isiraheli yakomeje cane umutekano, ibihumbi vy'abanye Palestine bakaba bahahure mu myiyerekano.

Igisirikare ca Isiraheli kivuga ko imigumuko yadutse mu bibanza vyinshi, abari mu myiyerekano bakaza baratera amabuye banarekura amapine y'imuduga bakije umuriro.

Ibi bisa n'intango y'ivyo abateguye iki gikorwa bo muri Palestine, bizera ko bizovamwo imyiyerekano ikomeye kandi izobandanya, mu ntumbero yo kusaba ko impunzi zosubira mu bigwati vyazo ubu vyacitse ivyibare vya Isiraheli.

Hashinzwe amakambi atanu ku rubibe, kandi igikorwa bise "Urugendo rwo gutahuka" bizera ko kizomara indwi nyinshi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uruhagarara ni ruribonekeza ku rubibe rwa Gaza, hagati y'abasirikare ba Isiraheli n'abanye Palestine bigaragamvya

Hari uwahasize ubuzima

Kare abajejwe amagara muri Palestine bavuze ko umugabo w'umurimyi w'i Gaza yishwe n'igisasu carashwe n'ikiduga c'ingwano, hasigaye amasaha ngo iyo myiyerekano itangure, uwundi umwe arakomereka.

Igisirikare ca Isiraheli cavuze ko kimwe mu biduga vyaco vy'ingwano vyarashe abantu babiri basa n'abariko baregereza uruzitiro rw'umutekano mu buraruko bwa Gaza, bakaba bariko barakora ibintu biteye amakenga.

Ibindi bisa n’ibi