Cumi baguye mw'itana mu mitwe n'igisirikare ca Isiraheli

Abanyepalestine bari mu myiyerekano ku rubibe rwa Isiraheli Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Cumi bishwe abashika amajana barakomereka

Abajejwe amagara i Gaza muri Palestine bavuga ko abasirikare ba Isiraheli bishe abantu cumi abandi bashika amajana barakomereka, mw'itana mu mitwe ku rubibe rwa Isiraheli.

Ibihumbi vy'Abanyepalestine bagize urugendo ku rubibe, mu ntango y'imyigaragamvyo igomba kumara indwi nyinshi, igamije gusaba ko impunzi zotahuka mu ngo zazo ziri muri Isiraheli.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abigaragamvya batera amabuye n'amacupa yaka umuriro...

Abigaragamvya baza baratera amabuye n'amacupa yaka umuriro, mu gihe abasirikare ba Isiraheli bakoresha amasasu nyayo hamwe n'ivyotsi biryana mu maso, basubiza inyuma abegera ikibanza kizitiwe cane.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption ... abasirikare ba Isiraheli bagakoresha amasasu nyayo hamwe n'ivyuka biryana mu maso

Umukuru w'umugwi Hamas, Ismail Haniyeh, yashikirije ijambo abari mu myigaragamvyo, asubira kuvuga ko umugwi wiwe utazokwemera igihugu ca Isiraheli.

Ibindi bisa n’ibi