RD Congo: Felix Tshisekedi niwe azohagararira UDPS mu matora yimirije

Félix Tshisekedi niwe yatowe kurongora UDPS no kuyihagararira mu matora
Image caption Félix Tshisekedi niwe yatowe kurongora UDPS no kuyihagararira mu matora

Umugambwe ukomeye utavuga rumwe n'ubutegetsi "Union pour la Démocratie et le Progrès Social" (UDPS) wagenye Félix, umuhungu wa Etienne Tshisekedi yatanguje uwo mugambwe, kuwuhagararira mu matora yimirije mu mpera z'uno mwaka.

UDPS yavuze ko Félix Tshisekedi, umuhungu w'uwigeze kuba umushikiranganji wa mbere Etienne, yapfiriye i Buruseli mu kwa Kabiri kw'umwaka uheze, ariwe azoba umukandida mu matora yo mu kwezi kwa 12, inyuma y'inama yabaye mw'ijoro i Kinshasa, nkuko ikinyamakuru AFP kivuga.

Tshisekedi yatowe kandi kurongora umugambwe ku majwi 790 ku 803.

"Ndemera ko UDPS izoja ku butegetsi uno mwaka gusubiza ibintu mu buryo mu gihugu," niko yavuze.

Amatora y'umukuru w'igihugu ategekanywa itariki 23 Ukwezi kwa 12, inyuma y'ukwigizwa inyuma incuro zibiri, bituma abanyagihugu batekegwa n'ubwoba bw'ingwano ishobora kwaduka.

Prezida w'iki gihe Joseph Kabila ari ku butegetsi kuva mu 2001, akaba yategerezwa kuba yaravuye ku butegetsi mu mpera z'umwaka w'i 2016 arangije ibiringo bibiri arekuriwe n'amategeko.

Ari ku butegetsi yishimikije itegeko rivuga ko umukuru w'igihugu abuvako igihe habonetse uwumusubirira.

Ukwo kuguma ku butegetsi kwatumye haduka imyiyerekano mu gihugu cose, abantu benshi bayisigamwo ubuzima.

Muri kino gihe abanyagihugu benshi ntibashigikiye prezida Joseph Kabila, ariko bakaba bafise amakenga mu gihe amatora yohagarikigwa n'akanama kajejwe amatora ka kino gihe.