Uburusiya busaba Ubwongereza kugabanya 50 mu babuserukira

Uburusiya bwugaye "consulat" ya Amerika ya St Petersburg mu kwihora

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Uburusiya bwugaye "consulat" ya Amerika ya St Petersburg mu kwihora

Uburusiya bwabwiye igihugu c'Ubwongereza kugabanya abakozi barenga 50 mu babuserukira, mu ruhagarara ivyo bihugu birimwo rwatanguye igihe umurusiya w'umusomyi w'urusaku wa kera ageragerejwe kwicishwa ubumara.

Abakozi bo mu buserukizi 23 nibo bari bamaze kwirukanwa ku mpande zose, ntawuzi niba bino bitigiri bishasha birimwo abakozi b'ababenegihugu.

Ku munsi wa Gatanu, Moscou yavuze kwizihora ku mangane, hagasigara igitigiri kingana c'abakozi ku mpande zose.

Ubwongereza buvuga ko buriko burihweza ivyasabwe n'Uburusiya bijanye no kuvugisha Yulia Skripal ariko aratora mitende inyuma yaho we na se bagabiweko igitero c'ubumara, mu gisagara ca Salisbury mu Bwongereza.

(Bwana Skripal we aracaremvye.)