Ikigendajuru c'Ubushinwa kiriko kiratibuka kizoshika kw'isi ku wa mbere

Ikigendajuru c'Ubushinwa Tiangong-1 Uwufise ububasha kw’isanamu CHINA MANNED SPACE AGENCY
Image caption Ikigendajuru c'Ubushinwa Tiangong-1

Ibimanyu vy'ikigendajuru c'Ubushinwa biriko biratibuka, vyitezwe gushika kw'isi ku munsi wa mbere, nkuko abahinga babikurikirana babimenyesheje.

Ikigo c'Ubushinwa kigenzura ibigendajuru "China's space agency" kivuga kw'ico kigendajuru citezwe gushika mu kirere "atmosphere" mu masaha 24 akurikira - nkuko vyemejwe n'ikigo ca Buraya kigenzura ibigendajuru "European Space Agency" (ESA).

Ikigendajuru Tiangong-1 cashitse iyo cari carungitswe mu 2011, hanyuma mu myaka itanu yakurikiye kiba kirarangije umurimo cari cashinzwe, munyuma kigaca gikoroka kiza kw'isi.

Ku bw'ikigo ESA ico kigendajuru citezwe 07:25 isaha ya Beijing itariki 2 Ukwezi kwa Kane, naho bishobora guhinduka, ariko ngo kikaba cokwitegwa kuva ku munsi wa Mungu ku muhingamo gushika ku wa mbere mu gitondo.

Vyitezwe ko ibihimba vyinshi vy'ico kigendajuru bisha bigeze mu kirere bita "atmosphere", ariko ngo bimwe murivyo bishobora kugwa kw'isi.

Ikigo c'Ubushinwa kigenzura ibigendajuru cavugiye ku mbuga hwaniro, ko ibigendajuru bigwa kw'isi "bitagwa kw'isi nka kurya kwo mu masinema ya "science-fiction", ahubwo ko biza nk'imvura y'ibimanyu".

Kizogwa he?

Ubushinwa bwavuze mu 2016 ko butakigenzura ikigendajuru Tiangong-1, ko butazi aho gishobora kugwira.

Ikigo ESA kivuga ko kizogwa ahariho hose hagati ya "latitude" 43ºN na "latitude" 43ºS", mu karere ka "équateur".

Ibihugu ico kigendajuru gishobora kugwamwo

Uwufise ububasha kw’isanamu EUROPEAN SPACE AGENCY
Image caption Aho ico kigendajuru gishobora kugwa (mu rwatsi rutoto)

Ico kigendajuru gishobora kugwa ahariho hose kuva muri Nouvelle Zélande gushika muri Amerika, umugabane wa Afrika hamwe n'ibihugu bimwe vya Buraya bikaba vyocitega.

Kizogwa gute?

Bivugwa ko kizotangura gusha hasigaye ibirometero 100 ngo gishike kw'isi, niko Dr Elias Aboutanios, w'ikigo c'ibigendajuru ca Australia yavuze.

Ngo ntawuzi ibihimba vyaco bizosigara, naho vyogwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubushinwa bwaguruye ico kigendajuru Tiangong-1 mu 2011

Birakwiye ko umuntu agira amakenga?

Nta na gato. Ibihimba vy'ico kigendajuru gipima itoni 8.5 bizosambuka igihe kizoba cinjiye muri "atmosphere".

Hari ibipande bishobora kudasha nk'amatanki y'ibitoro, canke ivy'imoteri, ariko ngo naho vyogwa kw'isi, ngo biragoye ko bigwa ku muntu.

Ibindi bisa n’ibi